Perezida mushasha wa Congo Félix Tshisekedi yavuze ko Congo yipfuza kwinjira muri EAC

Félix Tshisekedi yipfuza gukomeza imigenderanire na Congo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Félix Tshisekedi yipfuza gukomeza imigenderanire na Congo

Umukuru w'igihugu mushasha wa Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo, Félix Tshisekedi yavuze ko igihugu ciwe cipfuza kwinjira mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko (EAC) ngo gikomeze imigenderanire y'ubutunzi mu karere.

Perezida Tshisekedi yashikirije ayo majambo ejo ku muhingamo ari kumwe n'umukuru w'igihugu wa Kenya Uhuru Kenyatta mu rugendo arimwo muri ico gihugu.

Mw'itangazo ryavuye mu biro vy'umukuru w'igihugu wa Kenya, abo bategetsi ukwo ari babiri biyemeje gukomeza imigenderanire hagati y'ibihugu bibiri.

Perezida Kenyatta yemeye gufasha igihugu ca Congo ngo gishobore gutekanigwa mu vya politike asigura ko Kenya yize vyinshi mu kuba yaciye mu ndyane za politike muri kahise.

Yagize ati: "Urakoze kuba waje, tugiye gukomeza imigenderanire y'ibihugu vyacu ku nyungu z'abanyagihugu."

Yabandanije ati: "Tuzoguma tubafasha ngo mutekanigwe mwongere mugire amahoro kuberako dufise ivyo twaciyemwo bisa n'ivyanyu twohanahana. Igihugu cacu carashoboye kwururutsa akariro ka politike mu mugambi Building Bridges Initiative."

Perezida Kenyatta yongeye avuga ko impunzi z'abanye Congo zatumye ibihugu bibiri bisangira imico, aho "umuziki wa Congo usigaye uri mu buzima bwacu".

Abakuru b'ibihugu biyemeje gukomeza imigenderanire mu vy'ubudandaji, Prezida Kenyatta asigura ko ikivuko ca Mombasa gicako kuva kera ibidandazwa bija mu karere ka Congo y'ubuseruko, i Goma n'i Lubumbashi.

Ku rundi ruhande, umukuru w'igihugu ca Congo arashima uruhara rw'ikivuko ca Mombasa mu buzima bw'abanyagihugu bo mu buseruko bwa Congo.

Bwana Tshisekedi yavuze ko igihugu ciwe cipfuza kwinjira mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko ngo gikomeze imigenderanire y'ubutunzi gifitaniye n'ako karere.

Ku bijanye n'iterambere, igihugu ca Kenya ciyemeje gufasha kigenzi caco ca Congo mu gisata c'ibikorwa remezo.

Perezida Uhuru Kenyatta yabonanye na Félix Tshisekedi ari kumwe na kizigenza w'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi Raila Odinga, abo banyepolitike ukwo ari babiri bakaba baritavye ibirori vyo kurahiza Bwana Tshisekedi, ibirori atawundi muperezida yitabiriye.