Ibiganiro vya "nucléaire" vya Amerika na Korea ya Ruguru bizobera i Hanoi muri Vietnam

Igihugu c'igi Komunista ca Vietnam kiboneka nk'akarorero kuri Korea ya Ruguru ku mahinduka cakoze mu vy'ubutunzi na politike Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igihugu c'igi Komunista ca Vietnam kiboneka nk'akarorero kuri Korea ya Ruguru ku mahinduka cakoze mu vy'ubutunzi na politike

Umukuru w'igihugu ca Amerika Donald Trump yavuze ko umubonano wa kabiri n'indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un uzobera i Hanoi ku mugwa mukuru wa Vietnam.

Abo bagabo ukwo ari babiri bazohura itariki 27 na 28 z'Ukwezi kwa Kabiri mu biganiro bifise intumbero yo kugondoza ico gihugu c'aba komunista kuvavanura n'umugambi waco wa "nucléaire".

Imigenderanire myiza na Vietnam yobera akarorero ubucuti buri hagati ya Amerika na Korea ya Ruguru.

Bwana Trump yavuze ko intumwa ya Amerika yarungitse yagiranye ibiganiro "vyubaka cane" na Korea ya Ruguru mu gutegura uwo mubonano mushasha.

Umubonano wa mbere hagati ya Perezida Trump na Bwana Kim i Singapour mu kwezi kwa Gatandatu kurangiye wakurikiranywe cane kandi n'icizere ariko munyuma ntihagira ikintu kiboneka kivamwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umubonano wa mbere wa Kim-Trump wabaye nk'uwo kuramukanya no kuvuga gusa ariko nta vyinshi vyawusesenguwemwo

Impande zose ziyemeje gutangura kugabanya ibigwanisho ruhonyanganda ariko nta na ruwme rwavuze ingene ivyo bikorwa vyorangugwa n'ingene vyokurikiranwa.

Kubera iki i Hanoi?

Ashikiriza ijambo igihugu ku munsi wa Kabiri, Bwana Trump yavuze ko yimirije kubonana na Bwana Kim muri Vietnam ariko ntiyavuga ikibanza bazobonaniramwo.

Ku munsi wa ku mugoroba mu masaha ya Washington, yarungitse ubutumwa acishije kuri Twitter ko bazohurira i Hanoi kugira ngo "batere baja imbere mu mugambi w'amahoro".

Hanoi niwo wari umugwa mukuru w'igihugu c'igi Komunista ca Vietnam ya Ruguru igihe c'ingwano yatwaye amaraso menshi hagati y'i 1965 n'i 1973, ingwano abanyamerika bita "ingwano yo muri Vietnam", abanya Vietnam nabo bakayita "ingwano y'abanyamerika".

Kuva igihe c'iyo ntambara, abasivile hamwe n'abagwanyi baguyemwo, Vietnam yasubiranye yaranaguye imigenderanire na Amerika naho yagumye kuri politike y'igi Komunista.

Vietnam ifatwa nk'akarorero na Korea ya Ruguru, ku mahinduka yakoze ku bijanye n'ubutunzi hamwe na politike.