'Inyeshamba zirenga 250' zafashwe ziri mu miduga muri Tchad

Igisirikare ca Tchad gikunze guhangana n'inyeshamba ziza zituruka mu gihugu ca Libiya Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igisirikare ca Tchad gikunze guhangana n'inyeshamba ziza zituruka mu gihugu ca Libiya

Igisirikare ca Tchad cavuze ku munsi wa Gatandatu ko capfashe inyeshamba zirenga 250 mu gitero cagavye kuri abo bagwanyi baje bava mu gihugu ca Libiya.

Mw'itangazo casohoye kivuga ko abo bagwanyi benshi barimwo "indongozi zine" zaciye zipfungwa.

Kivuga ko imodoka 40 z'izo nyeshamba zasambuwe, gifata n'ibigwanisho vyinshi.

Ubufaransa busanzwe bufasha igisirikare ca Tchad, bwakoresheje indege z'ingwano muri ino ndwi, mu kugaba ibitero kuri iyo miduga mu ntara ya Ennedi.

Bwavuze ku munsi wa kane ko bwagavye ibitero incuro nyinshi ku miduga muri ino ndwi buri kumwe n'abasirikare ba Tchad.

Itororokanirizo ry'amakuru AFP ryavuze ko abo bagwanyi bashoboye kugenda ibirometero amajana mu gihugu hagati, imbere yuko bahagarikwa.

Amakuru y'iperereza yashikiriye itororokanirizo ry'amakuru Reuters avuga ko inyeshamba 100 arizo zonyene zafashwe.

Image caption Ikarata ya Tchad yerekana intara ya Enndi yabereyemwo ivyo bitero

Izo nyeshamba zinjira ziva mu gihugu ca Libiya zifise intego yo guhagarika ubutegetsi bwa Perezida Idriss Déby.

Inteko z'Ubufaransa ziri mu gihugu ca Tchad mu mugambi Barkhane - urunani rwa gisirikare rukorera mu karere ka Sahel rugwanya imigwi y'aba Jihadistes.

Ubufaransa bwakoronije Tchad kuva mu 1900 gushika cikukire mu 1960, bukaba bwarigeze gufasha Perezida Déby na mbere.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron aramukanya na Perezida Déby mu 2018

Urunani rw'imihari y'inyeshamba ruzwi ku zina "Union des Forces de Résistance" (UFR) nirwo rwatanye mu mitwe n'abasirikare ba leta muri ako karere.

Urwo runani rugwanya ubutegetsi bwa Déby.

Itangazamakuru ryo muri ako karere rivuga ko umukuru w'ingabo za UFR, Ousman Teguene, ashobora kuba ari mu bapfunzwe.

Kimenyesha ku bijanye n'abafashwe, igisirikare ca Tchad cavuze ko kizobandanya ivyo bitero ku bagwanyi mu karere ka Ennedi.

Perezida Déby ari ku butegetsi kuva mu 1990, inyuma yaho ahirikiye ubutegetsi.

Mu mwaka uheze, inama nshingamateka ya Tchad yaremeje ibwirizwa shingiro rishasha rimwongereza ububasha, agashobora kuguma ku butegetsi gushika mu 2033.

Ibindi bisa n’ibi