Turukiya isaba Ubushinwa kwugara amakambi bufungiyemwo abantu inyuma y'urupfu rw'umuririmvyi

Perezida Recep Tayyip Erdogan Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya ashikiriza ijambo abanyagihugu

Igihugu ca Turukiya casavye Ubushinwa kwugara amakambi bufungiramwo abantu inyuma y'urupfu rw'umuririmvyi rurangiranwa wo mu bwoko bw'inkehwa z'aba Uighur.

Bivugwa ko Abdurehim Heyit yari mu gipfungo c'imyaka umunani mu ntara ya Xinjiang, ipfungiwemwo abanyagihugu b'aba Uighur umuliyoni.

Itangazo ryavuye mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Turukiya n'amakungu rivuga ko abo bapfunzwe "baborezwa igufa" mu makambi babugaraniyemwo.

Ubushinwa buvuga ko "budashobora kwemera" ayo majambo yashikirijwe.

Aba Uighur n'abanyagihugu bafise amamuko ya Turukiya bo mw'idini rya Isilamu - inkehwa - baba mu ntara ya Xinjiang mu buraruko bushira uburengero bw'Ubushinwa, baguma barerekwa n'ubutegetsi bw'Ubushinwa.

Bavuga ururimi rwegereye igi Turukiya, bamwe muribo bakaba barahungiye muri Turukiya bavuye mu Bushinwa muri ino myaka ya vuba.

Gushika ubu ni ibihugu bike bigwiriyemwo aba Isilamu vyiyamirije iyo nyifato y'Ubushinwa.

Abasesenguzi ba politike bavuga ko ibihugu vyinshi bitinya ko vyoca vyihogwa n'Ubushinwa ku bijanye na politike canke ubutunzi.

Ubutegetsi bwa Turukiya bwavuze iki?

Mw'itangazo bwasohoye ku munsi wa Gatandatu, umuvugizi wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu Hami Aksoy yagize ati: "Ntibikiri ibanga ko abantu barenga umuliyoni b'aba Uighur b'amamuko ya Turukiya bafatwa ata mpamvu, bakaborezwa igupfa, bakinjizwamwo ku nguvu ivyiyumviro vya politike" mu mabohero.

Abandanya avuga ko abadapfunzwe nabo nyene bakandamizwa cane.

Bwana Aksoy yongeye ati: "Kugarukana amakambi yo kwugaraniramwo abantu mu kinjana ca 21 hamwe no kurondera kubinjizamwo ivyiyumviro bikogwa n'ubutegetsi bw'Ubushinwa ku ba Uighur b'amamuko ya Turukiya, bituma amakungu abura ayo acira n'ayo amira."

Yavuze ko urupfu rwa Heyit rushira ahabona ivyo Turukiya yamye ivuga bijanye n'ihonyanga ry'agateka ka zina muntu rikoregwa mu ntara ya Xinjiang, ico gihugu kigasaba umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres gufata ingingo zotuma ayo mabi arangira.

Ubushinwa bubivugako iki?

Mw'itangazo ryabonywe n'itororokanirizo ry'amakuru Associated Press, Ubushinwa bubicishije ku wubuserukira i Ankara bwasavye Turukiya guhagarika "ibirego vy'ibinyoma".

Rivuga riti: "Ubushinwa hamwe na Turukiya bihanzwe n'igikorwa co kugwanya iterabwoba. Ntitwemera inyifato zibiri zitandukanye hageze kugwanya iterabwoba."

"Twizeye ko Turukiya izokwakira neza utwigoro dukogwa n'Ubushinwa mu kugerageza kugwanya iterabwoba hamwe n'ubutagondwa, igahagarika ibirego vy'ibinyoma, igafata ingingo zihanagura amabi yoturuka kw'ivyo birego."

Ubutegetsi bwa Beijing buvuga ko amakambi ya Xinjiang ari ayo "kwigishirizamwo imyuga" yofasha kurangiza iterabwoba mu karere.

Aba Uighur ni bantu ki?

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abagabo b'aba Uighur basoma ibinyamakuru i Xinjiang mu 2015

Aba Uighur bagize ibice 45% vy'abanyagihugu bose ba Xinjiang.

Bibona ko basa n'abanyagihugu bo muri Asia ya hagati uravye imico n'ubwoko.

Mu myaka mirongo irangiye, abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Han (ubwoko bw'abantu benshi mu Bushinwa) bimukiye i Xinjiang, bituma aba Uighur babona ko umengo imico yabo hamwe n'ibitungwa vyabo bigiye kuja mu kaga.

Xinjiang ni intara yigenga iri mu Bushinwa co kimwe n'intara ya Tibet mu bumanuko.

Ibindi bisa n’ibi