Indongozi z'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika washize ahabona igishusho ca Haile Selassie, 'Intumwa' ku ba Rasta

Umwami w'abami Haile Selassie I
Image caption Haile Selassie niwe mwami w'abami wa nyuma wa Ethiopia

Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika washize ahabona ishusho ya Selassie, yubatswe mu kigo c'ibiro bikuru vyawo; Haile Selassie umwami w'abami w'igihugu ca Ethiopia afatwa nk' "intumwa y'Imana' ku ba Rasta.

Ico gishusho ca Haile Selassie gitewe iteka ryo kuba iruhande y'iyo nyubakwa y'imiliyoni $200, mu kwibuka uruhara yagize hatanguzwa ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika "Organisation de l'Unité Africaine" (OUA).

Ariko ico sico kiza ubwa mbere abantu bumvise izina Haile Selassie, ahubwo ryibutsa cane umuririmvyi Bob Marley n'aba Rasta.

None Haile Selassie ni nde mu vy'ukuri, vyagenze gute ngo afatwe nk'Imana n'abantu bari ku birometero ibihumbi?

Ikintu ca mbere: kubera iki akorewe igishusho?

Haile Selassie yaramaze imyaka 30 ku ngoma igihe yafasha gutanguza ishirahamwe OUA, inama yaryo ya mbere yabereye i Addis Ababa mu kwezi kwa Gatanu mu 1963.

Igihugu ca Ethiopia - kitigeze gikoronizwa naho cigeze kumara imyaka itanu cifatiwe n'igisirikare ca Mussolini w'Ubutaliyano - cafashwe nk'igihugu coranga ukwikukira kwa Afrika muri ico gihe hari hakivugwa ubukoroni.

Ico gihe Selassie yaramaze umwaka wose ategura iyo nama, yabwiye intumwa ati: "Nipfuza ko uyu mwumvikano w'ubumwe womara imyaka 1000."

OUA ntiyashoboye kubandanya ibaho ukwo yari yatanguye, mu 2002 ica isubirigwa n'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika "Union Africaine" (UA).

Umugambi w'ubumwe bwa Afrika ntiwigeze uhagarara ari naco gituma igishusho kigiye gukoregwa Selassie mu ntumbero yo gushima uruhara abifisemwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Haile Selassie (i buryo) na Kwame Nkrumah, Perezida wa kera wa Ghana nawe nyene ari mu batanguje umuryango w'Ubumwe bwa Afrika Kwame Nkrumah, another AU founder

Yagiye gufatwa nk'Imana gute?

Biva igihe yimikwa mu 1930 hamwe no ku buhanuzi bwari bwakozwe mu myaka cumi yaheruka n'uwagwanira agateka k'abirabure Marcus Garvey wo mu gihugu ca Jamaique.

Garvey yabwiye abamukurikira mu 1920 ko bakwiye "kuraba Afrika igihe umwirabure azokwimikwa, ko igihe co kubohogwa kiri hafi".

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Aba Rasta bemera ko Haile Selassie ariwe mesiya wabo

Igihe umwirabure yitwa Ras Tafari yimikiwe muri Ethiopia, benshi babona ko ubuhanuzi bwashikirijwe burimwo ukuri.

Ras Tafari ("umukuru" Tafari) yabaye Haile Selassie ("ububasha bw'ubutatu").

Ku birometero ibihumbi n'ibihumbi mu mazinga ya Antilles, Haile Selassie yabaye Imana (canke Jah) aba mesiya, Ethiopia naco igihugu c'isezerano.

Mu ncamake, umuhari w'aba Rasta (Rastafari Movement) niko wavutse.

Munyuma aba Rasta batanguye kwimukira mu gihugu ca Ethiopia, Selassie akaba yari yarateguye agace k'itongo abo ba Rasta bava mu mazinga mu 1948 bashikiramwo.

Abo bantu bariyongereye, uno munsi bakaba bagera ku 300.

Inyuma yaho Selassie apfiriye mu 1975 mu mahinduka y'igi Socialiste, abayoboke biwe ntibabitegereye, bibaza ko Imana idapfa.

Bategereye inyuma y'impari basanze umubiri wiwe aruwo kw'isi.

Ikindi mwomenya ni uko na Garvey atemera Imana, kandi yama artyoza Selassie.

Selassie none yarameze gute?

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ishusho ya Haile Selassie, umwami w'abami wa nyuma wa Ethiopia

Abantu ntibavuga rumwe iyo hageze kwibaza ko Selassie yarakwiye gutwara Ethiopia canke ko atavyo yarakwiye.

Icegeranyo c'ikigo kigwanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch kimwagiriza kutitaho abanyagihugu na cane cane igihe amapfa atereye muri Ethiopia abantu 200000 bagapfa.

Bivugwa ko yakandamije abo bose batavuga rumwe igihe yari ku butegetsi.

Ibindi bisa n’ibi