Ibiro vy'akanama kajejwe amatora muri Nigeria vyaturiwe amatora asigaje minsi itandatu

Qua'an Pan electoral commission office Uwufise ububasha kw’isanamu INEC
Image caption All voting material in the Qua'an Pan electoral commission office has been destroyed

Ibiro vy'akanama kajejwe amatora mu ntara ya Plateau muri Nigeria vyaturiwe hasigaye iminsi itandatu ngo abanyagihugu baje mu matora.

Uwo muriro waturiye ibintu vyose vyari muri ivyo biro vyari vyitezwe gukoreshwa mu matora, harimwo udusandugu n'inkaratasi zo gutorerako.

Umuvugizi w'ako kanama yavuze ko ari agahombo kanini muri kino gihe co kwitegurira amatora, avuga ariko ko hakiri kare kwiyumvira ko vyakozwe n'abipfuza kuburagiza ayo matora.

Amatora rusangi ategekanywa ku munsi wa Gatandatu.

Ku munsi wa Mungu Perezida Muhammadu Buhari yagabishije abo bose boba bipfuza kunyuruza amajwi.

Yabwiye ikinyamakuru Pulse ati: "Umugwi ukurikirana ivyaha bishingiye ku butunzi n'amahera uramaze gushikiriza amakenga ko hari amahera ariko aratangwa mu ntumbero yo kugura amajwi."

Ariko ararondera kwitoza ku kiringo ca kabiri ku munsi wa Gatandatu, aho abanyagihugu imiliyoni 84 biyandikishirije amatora.

Naho hari abakandida benshi, abasesengura politike bavuga ko umukandida w'ijunja ari uwahora ari icegera c'umukuru w'igihugu Atiku Abubakar.

Ibindi bisa n’ibi