Abashakashatsi bo muri Amerika bavuga ko boba batoye imiti yo gutuma imibu idasubira kurya abantu

Imibu y'ingore niyo gusa irya abantu - ishaka imfungurwa y'amaraso Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imibu y'ingore niyo gusa irya abantu - ishaka imfungurwa y'amaraso

Abashakashatsi bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko boba batoye imiti bohereza imibu kugira ngo bayigabanye akayabagu ko kurya abantu.

Bamaze kuyiha iyo miti, abo bashakashatsi bavuga ko vyatumye iyo mibu yumva ko yakwije, bituma idasubira kugira uburakari bwo kurya abantu.

Kubwabo, ngo ubwo buhinga burashobora gufasha mu kurwanya indwara nka za zika, "fièvre jaune" na malariya, ariko ngo baracari ku ntango.

Abashakashatsi bo kw'ishure kaminuza rya Rockefeller mu gisagara ca New York, bageragereje ubwo buhinga ku mibu yo mu bwoko bwa Aedes aegypti. Bavuga ko imibu y'ingore yo muri ubu bwoko ari nayo yonyene isanzwe irya abantu, irakenera bidasanzwe amaraso y'abantu kuko afise ivyunyunyu biyituma ishobora gukora amagi.

Mu gihe yanyoye amaraso igahaga, haraca iminsi idasubiriye gushaka kurya abantu irondera kubavomamwo ayandi maraso.

Mu buryo bwo kugerageza ubwo buhinga, mu gihe baha iyo mibu iyo miti, vyabonetse ko akayabagu ko kurya abantu kagabanutse, nk'uko yoba yanyoye amaraso y'umuntu.

Hari n'ibindi vyigwa abo bashakashatsi bakoze muri iyo ntumbero, bakavuga ko bishobora gutuma haba impinduka muri kazoza mu buryo kurwanya imibu itera malaria, ngo kubera biboneka ko uburyo bwo kuyirwanya busanzwe buhari bugenda buta inguvu.

Bavuga ko imiti isanzwe ikoreshwa mu kurwanya iyo mibu igenda ita inguvu mu gihe batarashobora kuronka imiti yotuma birukana burundu imibu, kandi hakaba ata ncanco zikomeye zirashobora kuboneka zo gukinga indwara zose ziterwa n'imibu.

Laura Duvall, umwe muri uwo murwi w'abashakashatsi, avuga ariko ko intambwe ikiri ndende kugira ngo bazoshobore gukoresha ubwo buhinga bushasha, kandi ko hazokenerwa n'ubundi buryo.