Abagurisha ibifungurwa ku bafise uburyo bubayabaye bariko bariyongera mu Burundi

Nshimirimana Médiatrice
Image caption Umupfasoni Nshimirimana Médiatrice ateka restaurant mu karere nka Nkenga busoro mu buraruko bwa Bujumbura.

Abantu bakora imirimo mitomito nko kugendesha ikinga, amapikipiki, n'abari mu gisata c'ubwubatsi mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo, basigaye baronka aho bivuna umusase batarushe kandi ku mahera aciriritse.

Abantu bakunze kwita ba Mama Nitilie (mama nshirirako) barashoboye kwegera abo bakozi bisumamwo aho babagurishako imfungura zizimbutse igihe c'akavunamusase.

Ubu hasigaye hibonekeza mu bice bimwe bimwe abakenyezi bashinga utuzu tw'uburiro tuzimbutse hafi y'ibibanza bihuriramwo abakora ubuzi nk'ubwo maze bigafasha imiryango y'abo bakenyezi n'abakora ubuzi butandukanye.

Nshimirimana Mediatrice w'imyaka 39, umwe muri abo bagore, aherutse kwugurura ubururo bw'abantu batobato mu gace ka kizingwe mu buraruko bwa Bujumbura.

Kizingwe ni kamwe mu duce dushasha turiko twubakwamwo ama quartier mashasha y'igisagara.

Ugeze muri ico kibanza cubatsemwo inzu ikozwe n'ibiti hamwe n'amabati kuva hasi, uhasanga abagendesha amakinga, amapikipiki, abakora akazi ko kwubaka bariko barafungura, bamwe nahagaze abandi bicaye kubera imeza ari nke.

Mediatrice yabwiye BBC ati: "Nahisemwo kwugurura iki kibanza kubera aha mbona hama hariho abantu bariko barubaka kandi haguma hari uruja n'uruza rw'abagendesha amakinga".

Yongeye ati: "Haciye ukwezi kumwe nuguruye iki kibanza. Ngitangura vyarangoye cane kubera narateka imfungurwa zikabura ikizifungura nkaruhira kubisesa. Ariko ubu ndabona ko umurindi w'abaza kugura ushimishije. Ku mugoroba ndaronka amafaranga y'inyungu mpitanamwo agafu k'abana banje batanu".

Image caption Abakiriya barashima kubona Médiatrice abafasha kwivuna umusase

Abaguzi nabo nyene barashima igikorwa.

Umwe muri bo yagize ati: "Jewe nkora akazi ko gufasha mu vyo kwubaka. Aha hantu haramfasha cane kubera niho honyene nshobora kuronka ivyo mfungura kuri make. Na rirya nsanzwe ndonka agashahara k'intica ntikize. Ku mafaranga 600, 700 canke 800 naronka umuceri, ibiharage n'umwumbati".

Image caption Médiatrice yaratanze akazi, aho afise abamufasha nk'uno mugore ariko atora umuceri

Ubuzima ntibworoshe ku bakenyezi batobato bo mugisagara ca Bujumbura.

Abatari bake batunzwe no gutembereza imboga n'ivyamwa bibisi bitandukanye mu mabarabara. Ariko birashika iyo bahuye na bamwe mu nzego z'umutekano bakabibaka canke bakabisanzaza.

Ibindi bisa n’ibi