Umukandida Atiku Abubakar, ni umugwizatunga w’umunya Nigeria azi kurondera amahera

Atiku Abubakar Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Uyu mugabo ahiganirwa gusubirira Muhammadu Buhari yarubatse ubuzima bwiwe ku buzi bwa Leta bwo ku rwego rwo hejuru.

Atiku Abubakar yabaye umukozi wa leta akomeye, araba icegera c'umukuru w'igihugu, yongera aba umugwizatunga n'umugiraneza akomeye.

Yaronse amatungo menshi mu rudandaza rw'igitoro aho igice kimwe yagihariye ibikorwa vy'ubutabazi.

Ariko n'ubwo biri uko, ntiyagize amahirwe y'ukurongora igihugu, akaba yagerageje incuro zitatu zose guhiganirwa ico kibanza ariko vyanka.

Ku wa 12 ruhuhuma, niho uwo mutama w'imyaka 72 yamenyesha ko yipfuza kwitoza kuri ico giti nk'umunyapolitike abifisemwo uburambe, kandi yipfuza gukura igihugu mu ngorane kirimwo.

Ariko abamunegura bobo bavuga ko hari igipfungu ku matungo yiwe, bakavuga ko adakwiye kuba umukuru w'igihugu gisanzwe ciziziwe n'igitutrire.

Arahakana ivyo yagirizwa akavuga ko vyose bitumwa n'imvo za politike.

Mu gihe yotorwa, bwana Abubakar azohangana n'ikibazo c'ubushomeri cabaye ndanse, ubukene buzura inzara, inama nshingamateka yamunzwe n'amacakubiri y'intara, hamwe n'ubutunzi bugeze ahatemba mu gihe ahanini bwubakiye ku gitoro.

Ukwiyamamaza kwiwe kukaba gushingiye cane cane ku budasa bw'igihagararo ciwe n'ic'uwusanzwe arongoye ico gihugu, yidogerwa cane kubera ingorane z'ubutunzi.

Abasanzwe bagwanya Perezida Buhari bavuga ko kamere yiwe - irangwa n'akagagazo, ukwitaramura n'ukutemera ibindi vyiyumviro - itajanye n'amateka ya Leta aya Nigeria ngo n'aho arico camufashije gutsinda amatora aheruka, akizerwa nk'umuntu ashobora kurwanya igiturire.

Bwana Abubakar wewe ni umuntu yugurutse kandi afise imigambi, ashoboye gukina politike kandi amenyereye ivy'ubutunzi, ivyo navyo bikaba ari vyo abanywanyi biwe bavuga ko vyofasha mu kunywanisha igihugu n'uguteza imbere ubutunzi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubutunzi bwa Nigera buhagaze ahanini ku gitoro

Abo bakandida bompi bava mu buraruko bw'igihugu busanzwe bwiganziwe n'abo mw'idini ry'aba islamu. Mu buryo bwo kurondera amajwi, bompi bagiye barondera ivyegera vyabo bava mu bumanuko bw'igihugu bagwiriyemwo abakristu.

Kubwa Cheta Nwanze, ajejwe ubushakashatsi mu kigo SBM kijejwe ugukinga ibiza mu gisagara ca Lagos, Bwana Abubakar yiteze ko mu kwiyamamaza kwiwe azoshobora kwigarurira bamwe mu banywanyi ba Perezida Buhari bamuhaye amajwi mu matora aheruka, cane cane urwaruka rwahejeje amashure ariko rwagiye ruhura n'ibibazo vy'ubukene kuva mu myaka mike iheze.

Ubuzima bwa politike

Bwana Abubakar ni umukandida wo mu mugambwe w'abaharanira intwaro rusangi "People's Democratic Party" (PDP), ukaba ariwo mugambwe ukomeye muri Nigeria kuva mu myaka 20 iheze.

Yinjiye muri uwo mugambwe igihe washingwa inyuma y'uko basezereye intwaro y'agahotoro y'igisirikare.

Yabaye icegera c'umukuru w'igihugu muri Leta zibiri. Ariko akaba yagiye ahura n'ibibazo n'abo bafashanije gushinga uwo mugambwe, ivyatumye aza ariyonkora incuro zibiri zose.

Yatanguye kwiyonkora mu mwaka wa 2006 mu gihe yari icegera c'umukuru w'igihugu bivuye kw'iperereza ryamwagirije ko yanyuruje imiliyoni 125 z'amadolari yari agenewe iterambere ry'igihugu akayakoreshereza mu vyiwe.

Ibirego bisa n'ivyo vyagiye kandi kwibonekeza mu ri raporo y'inama nkenguzamateka ya Amerika, aho yagirije Abubakar ko yanyuruje imiliyoni 40 z'amadolari azibika mw'ibanki ya Amerika azicishije kuri konte y'umugore wiwe w'umunyamerika.

Sentare ntiyigeze imucira urubanza kandi yagumye abeshuza ivyo yagirizwa, avuga ko vyari bifatiye kuri politike.

Mu kwezi kwa Mbere 2019 yagendeye igisagara ca Washington DC, akura ibihuha vyavuga ko yatinya kuja muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ngo kubera yatinya guhagarikwa.

Olly Owen, umwigisha kuri kaminuza ya Oxford, avuga ko Bwana Abubakar ari umunyapolitike abushitse.

Avuga ko mu myaka ya 1990 mu gihe bariko bikurako intwaro z'agahotoro, Abubakar niwe bagendereko.

Ati arazi ubuhinga bwo kuronderera ubutegetsi abandi.

Abo ba kandida bompi bararenza imyaka 70, ariko uravye ingene urwaruka rukunda Abubakar- bikaba bitandukanye n'uko amagara yari amukitse-ni akarusho kuri Abubakar mu gihugu kirimwo abatora benshi bari munsi y'imyaka 40.

Bwana Owen avuga ko abo ba kandida bompi biteze amajwi ku mirwi ibiri itandukanye: umurwi wa mbere w'abipfuza intwaro ibereye, umurwi wa kabiri w'abipfuza intwaro iteza imbere ubutunzi.

Avuga ko igiturire kibabaje abanya Nigeria, ariko kandi ko bafise ishaka ry'ugutegura imigambi y'iterambere.

Umutunzi kandi amenyereye ivy'ugutwara

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
  • Yavutse mu mwaka wa 1946, mu ntara ya Adamawa iri mu buraruko bw'igihugu
  • Ari mu bashinze ikompanyi y'ibitoro yatanguriye muri konteneri i Lagos
  • Yarahagarariye ibijanye n'ugushira mu minwe y'abikorera utwabo amashirahamwe ya leta kuri manda zibiri mu gihe yari icegera c'umukuru w'igihugu
  • Yahanganye n'ibirego vy'ukurya igiturire, ariko we yavuga ko vyari bishingiye ku mvo za politike
  • Yatanguje ishure kaminuza American University yatanga imfashanyo y'amashure ku bigeme ba Chibok bacitse kw'icumu igihe abarwanyi ba Boko Haram yabatera
  • Se wiwe, umu islamu abushitse, yarapfunzwe inyuma y'uko agerageje kumubuza kuja kwiga kw'ishure rifise imibereho y'abanyabulayi
  • Asanzwe akunda umurwi w'umupira w'amaguru wa Arsenal, akaba afise abagore bane n'abana 28

Bwana Abubakar yamenyekanye cane mu bikorwa vy'urudandaza kubw'ikompanyi Intels yadandaza igitoro akaba ari mu bayishinze mu mwaka wa 1982.

Iyo kompanyi yatanguye ikorera muri konteneri, mu nyuma ikaza kuba ikompanyi mpuzamakungu ikomeye kandi itunze cane yakoresha abakozi barenga 10.000.

Ishaka ry'ukurondera amahera

Igice c'ubutunzi bwiwe yagishize mu bikorwa vy'ubutabazi, cane cane mu gutanguza ishure kaminuza American University mu ntara ya Adamawa iri mu buraruko bwa Nigeria.

Iryo shure kaminuza rikaba riherutse guha imfashanyo y'amashure abigeme bamwe bamwe ba Chibok barokotse igitero c'abihevyi ba Boko Haram.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ishure kaminuza American University ryafashije abakobwa ba Chibok barokotse igitero ca Boko Haram

Bwana Abubakar abona ko yagiriwe amahirwe y'ukwiga amashure kuri porogramu z'uburaya bw'uburengerazuba ariyo ikoreshwa kuri iyo kaminuza, isanzwe irwanywa bikomeye na Boko Haram.

Yavukiye i Adamawa mu muryango w'aba islamu bakomeye, mbere se wiwe yari asanzwe ari umudandaza akaba yarapfunzwe imisi mikeya inyuma y'uko agerageje kumwankira kwiga ishure.

Mu gitabo ciwe yanditse avugamwo kahise kiwe, Abubakar avuga ko se wiwe yari afise ubwoba bw'ihinduka ryariko riba muri Nigeria.

Ahejeje amashure, yaciye aja gukora mu gisata c'ukwegeranya amakori, aho yakoreye ku kivuko n'ikibuga c'indege i Lagos.

Avuga ko igiturire cari cabaye ndanse, ariko ko ata ruhara abifisemwo, ngo kuko yabona ko amakori ariyo Leta yari izeyemwo amafaranga.

Mu gihe yari akiri umukozi wa Leta, Abubakar miho yatanguye kugura amatongo mu bikorwa vyiwe vy'urudandaza, imbere y 'uko yinjira mu rudandaza rw'ibitoro rwari rutanguye gutera imbere.

Mu gitabo ciwe yise « Making Money » avugamwo ubuzima bwiwe, avuga ko yari afise ishaka ry'ukudandaza.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bwana Abubakar yiteze gutsinda amatora kubera ibibazo vy'ubutunzi bizotuma atorwa

Mu gihe yakora mu gisata c'ukwegeranya amakori, yashoboye gushikirana n'abakuru mu gisirikare be n'abize, iyo mirwi yompi ikaba yaragize uruhara muri politike ya Nigeria.

Bwana Abubakar yagiranye imigenderanire na Shehu Musa Yar'Adua, yigeze gutwara igisirikare, akaba yamufata nk'umuhanuzi mu vya politike.

Mu gihe Nigeria yari ihanzwe n'ihirika ry'ubutegetsi n'ihigwa buhongo rya bamwe bamwe, abo bagabo bompi batanguje imigenderanire n'abandi bategetsi bo mu karere mu ntumbero yo gushinga Leta yizigiwe na bose yari irindiriwe.

Ibikorwa vy'ugushira mu minwe y'abikorera utwabo

Mu mwaka wa 1989, Bwana Abubakar yahevye ubuzi bwa leta yinjira muri politike.

Yatanguye guhiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu mu 1991, ku ruhande rw'umurwi wari ushigikiwe na Shehu Yar'Adua.

Yavuye mw 'ihiganwa inyuma y'uko abaye uwa gatatu ku ncuro ya mbere mu matora yahavuye afutwa na Leta ya gisirikare.

Ihigwa buhongo ku batavuga rumwe n'ubutegetsi ryagiye gukara mu myaka ya 1990 ku ntwaro y'agahotoro ya jenerali Sani Abacha.

Bwana Abubakar yahungiye i Londres umuhanuzi wiwe nawe Shehu Yar'Adua atabwa mu mvuto akaba ariho yahavuye asandabira.

Bwana Abubakar yagarutse muri Nigeria mu 1997 igihe jenerali Abacha arekuriye ubutegetsi.

Yabaye icegera c'umukuru w'igihugu mu 1999 inyuma y'amatora yatsinzwe na Olusegun Obasanjo wo mu mugambwe PDP.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abubakar (iburyo) yarigeze kuva mu mugambwe PDP yinjira mu mugambwe umwe na Buhari (ibubamfu)

Kuri manda zibiri ziwe, yarahagarikiye ibikorwa vy'ugushira mu minwe y'abikorera utwabo amashirahamwe ya Leta, aho bamwe bamubonye nk'uwuharanira ubwigenge, mu gihe abandi nabo bamubona nk'igikoresho c'ibihugu bishingiye ku matwara ya "capitalisme".

Mu gitabo c'ubuzima bwiwe, arishimira ihinduka yazanye mu vy'amabanki, igurishwa ry'amashirahamwe y'amatelefone ngendanwa, hamwe n'iyongerekana ry'ubutunzi bwa Nigeria ryatumye ico gihugu kiriha igice kinini c'amadeni cari giheranye.

Bwana Abubakar avuga ko mu gihe yotorwa kuba umukuru w'igihugu mu matora yo mu 2019 azosubiza igihugu muri ivyo bihe vyiza.

Ariko, ivyo bigatera amakenga kubera ashobora guhura n'inzitizi zirengeye ubushobozi bwiwe.

Aliyu Tanko umumenyeshamakuru wa BBC muri Nigeria, avuga ko bigoye kwemeza ko azoshitsa ivyo yemeye afatiye ku butunzi bwa Nigera ahanini buhagaze ku rudandaza rw'igitoro.

Bwana Abubakar afise abagore bane n'abana 28.

Ibindi bisa n’ibi