Ingendo z'indege zahagaritswe mu Bubiligi ku wa Gatatu kubera yegereyegere

Ingenzi zariko ziva ku kibuga uno munsi ku wa Gatatu bitewe nuko ingendo zihagaritswe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ingenzi zariko ziva ku kibuga uno munsi ku wa Gatatu bitewe nuko ingendo zihagaritswe

Igisata kigenzura uruja n'uruza rw'indege mu gihugu c'Ububiligi cavuze ko ingendo zose zaba izinjira canke izisohoka igihugu zahagaritswe kuri uno wa Gatatu, bitewe na yegereyegere yakozwe mu gihugu cose.

Iryo hagarika ryatanguye isaha zine z'ijoro ku munsi wa Kabiri, rikaba ritegekanijwe kumara amasaha 24.

Ikigo kigenzura uruja n'uruza rw'indege Skeyes kivuga ko "kidashobora kwizeza ku gitigiri c'abakozi boba basigaye mu bibanza bikomeye".

Ico kigo cavuze ko ikintu conyene cari gisigaye ari kutemera ko indege zifata ingendo.

Amasendika atatu akomeye y'abakozi niyo yahamagaje yegereyegere mu gihugu cose.

Ico kigo kigenzura ingendo camenyesheje ko cipfuza gukomeza umutekano w'ingenzi, kivuga ko kitari kureka ngo ingendo zikomeze "kibonye ko hari ubuzi bushobora kubura abakozi" - kuko ata mukozi yemeye ko aza ku mirimo igihe ca yegereyegere.

Ikigo gikurikirana ivy'ingendo, FlightRadar24 carungitse ubutumwa kuri Twitter cerekana inzira z'indege vyabaye ngombwa ko zizunguruka inyuma yaho inzira zimwe zimwe zugariwe.

Ibibuga vy'indege bimwe bimwe vyamaze gufata ingingo yo kuvyugara, umuvugizi w'ikibuga Brussels South Airport akavuga ko ata kundi bari kugira.

Yagize ati: "Turazi ko hari amabariyeri aja gushingwa iruhande y'ibibuga vy'indege."

"Ku rundi ruhande turazi ko uruja n'uruza rw'indege ruja kwibasigwa."

Yavuze ko yegereyegere "itari bwigere yibasira ubuzi nkuko vyifashe muri kino gihe."

Hejuru y'imetero 7500, uruja n'uruza rw'indege rugenzugwa n'ikigo ca Buraya Eurocontrol.

Ingendo z'indege za leta n'iz'igisirikare ntizatandukiriwe.

Abanyagihugu b'Ububiligi bibasiwe n'ico kibazo co kwunguruza abantu ku butaka.

Ikigo ca televiziyo VRT camenyesheje ko igice c'itereni zakora ku munsi, arico conyene gitegekanya kubandanya imirimo.

Ingendo za Eurostar hagati ya Buruseri na Londres canke Paris zitezwe kubandanya - ariko ingenzi zija Lille canke Calais zishobora kwibasigwa n'ivyabaye.

Amashirahamwe menshi y'indege yamaze guhagarika ingendo zimwe zimwe, ashira izindi ku kindi gihe kubera iyo yegereyegere.

Uwo munsi wa yegereyegere yo mu gihugu cose wahamagajwe n'amasendika makuru atatu y'abakozi ku kutumvikana na leta yipfuza kuduza imishahara ku bice 0.8% mu myaka ibiri iri imbere.

Ayo masendika asaba ko imishahara, udushirukabute hamwe n'amahera yo gutegekaniriza igihe c'iza bukuru yoduzwa harabwe ubuzima ingene bwifashe muri kino gihe.

Ibindi bisa n’ibi