Imbwa ngo ziri mu bintu bigeramiye cane inyamaswa hirya no hino kw'isi

Imbwa yizerereza iriko irahiga impongo i Vetnoi mu ntara yo mu Buhindi ya Orissa Uwufise ububasha kw’isanamu Pitam Chattopadhyay
Image caption Ubwoko bw'ibikoko bukingiwe nk'impongo zo mu Buhindi buri mu buterwa n'imbwa zitembereza canke zizerereza

Zishobora kuba ari ''abagenzi bacu ba mbere'' ariko bimaze kugaragara ko imbwa ziri mu vya mbere bigeramiye inyamaswa.

Abahinga bavuga ko zagize uruhara mw'ihona ry'ubwoko bushika cumi bw'inyoni n'ibikoko.

Gutyo, ubu ziza ubugira gatatu mu bikaka vyazanywe n'umuntu inyuma y'ubuyabu n'imbeba.

Ubu bivugwa ko imbwa zigeramiye hafi ubwoko 200 kw'isi, bumwe mbere nk'uko ivyigwa bivyerekana bukaba bugeze habi cane.

Ariko gushika ubu ntawuritaho bikwiye ivyerekeye imbwa zitembereza n'izizerereza nk'uko bivugwa n'abagwanira gukingira inyamaswa.

Mu cigwa ca vuba cakozwe ku mbwa muri Chili, abagikoze bavuze bati: ''Abagwanira gukingira inyamaswa muri Chili n'ahandi babona ko vyihutirwa cane guhagarika ingaruka z'imbwa zitembereza n'izizerereza ku buzima bw'inyamaswa''.

Ico cigwa casanze abatunze imbwa batanezwe ico kibazo kandi benshi bakaba bareka imbwa zabo zikitembereza mw'ishamba.

Uwufise ububasha kw’isanamu VikasPatil
Image caption Imbwa zihiganwa n'ibindi bibangamira inyamaswa

Umuliardi w'imbwa

Hagereranywa ko hari umuliyaridi w'imbwa zitunzwe kw'isi kandi ingene zibayeho biva ku zitembereza canke zizerereza gushika ku zibeshejweho na banyenezo gusa.

Ntibizwi ingene izitembereza canke zizerereza uko zingana, ariko abagwanira gukingira inyamaswa bavuga ko igitigiri cazo kiguma ciyongera.

Umuhinga w'ikigo IUCN yabwiye BBC ati: "Ni ikibazo giteye umutima uhagaze cane''.

''Uko abantu bazoguma biyongera, niko n'igitigiri c'imbwa kizokwiyongera, gutyo ico kibazo gishobora gukomera gusumba''.

Ubwoko bugeramiwe

Ku bwoko hafi 2000 bugeramiwe n'imbwa zitembereza canke zizerereza, 30 buharugwa mu bugeramiwe cane, 71 mu bugeramiwe, 87 nabwo mu bushobora kugeramirwa hakurikijwe urutonde rutukura rwa IUCN rw'ubwoko bugeramiwe.

Hafi 50 kw'ijana y'ubwo bwoko buri mu bikoko bivyara, 78 ni inyoni, 22 ni ivyikwega hasi na 3 bw'ibiba mu mazi.

Mu hageramiwe cane harimwo ibice vya Asia, Amerika yo hagati n'iyo mu bumanuko, Caraibes hamwe n'ibice vya Ocenia, nk'uko vyerekanwa n'icigwa casohotse muri Biological Conservation.

Abahinga bavuga ko imbwa zahebwe na banyenezo hamwe n'izo bareka ngo zitembereze arizo ziteye ingorane vy'ukuri.

Ingaruka nyinshi

Bivugwa ko zibangamiye inyamaswa mu nzira zitatu.

Zicika ibikaka zikica ibikoko vyo mw'ishamba, zigahungabanya indinganizo zo kubaho, zigakwiragiza indwara mu nyamaswa, zigatanguranwa ivyo zihiga, kandi zikanavyarana n'ibikoko vyegeranye mu bwoko.

Ivyigwa vyerekanye ko imbwa zagize uruhara mw'ihona ry'ubwoko butari munsi y'umunani bw'inyoni, harimwo inkware yo muri Nouvelle Zelande.

Amasanamu y'imbwa zizerereza ziriko zirahiga zongera zica ubwoko bw'inyamaswa buri ku mushiro mu bice bitandukanye vy'isi yarakwiragiye ku mbuga hwaniro.

Uwufise ububasha kw’isanamu Nandakumar M N
Image caption Gushika ubu ntawuzi igitigiri c'imbwa zizetembereza n'izizerereza.

Birahigwa

Mu ziboneka cane harimwo aho ingwe yo mu mbeho iriko irahigwa n'imbwa zitatu zitembereza muri Tibet na ours ikikujwe n'imbwa zitatu zizerereza.

Muri Chili, hafi 70% ya pudu, impongo nto cane kw'isi , zari zajanywe aho zikingirwa zatewe n'imbwa nk'uko biri mu cigwa casohotse mu kinyamakuru Oryx.

Icigwa mu mpongore z'inyamaswa muri Brezil catoye ko ubwoko 37 bw'inyamaswa kavukire bwagizweko ingaruka n'ukuba hari imbwa.

Mu ntara ya Rajasthan mu Buhindi, ubu nta zishika 100 zisigaye mu bwoko bw'inyoni bugeramiwe bwitwa Outarde yo mu Buhindi, n'izo zisigaye zikaba zigeramiwe n'imbwa.

Imbwa n'indwara

Abahinga bamwe bavuga ko inyamaswa mu bice vyinshi vy'isi zugarijwe n'indwara zavuye ahandi zikwiragijwe n'imbwa - kandi iki kikaba arico kibazo gihambaye.

''Kuba imbwa zica inyamaswa si ikibazo gihambaye, ariko igikomeye cane n'ikwiragizwa ry'indwara bigirwa n'imbwa mu bikoko vyo mw'ishamba harimwo cane cane ibisazi n'indwara y'imbwa''. Bivugwa na Arnuf Koehncke, umuyobozi muri WWF ishami ryo mu Budagi.

''Izo ndwara zaradutse kenshi mu mfyisi zigeramiwe cane no guhona nk'akarorero muri Ethiopia hamwe n'indwara y'ibisazi mu Buhindi na Nepal.''

Uwufise ububasha kw’isanamu Pitam Chattopadhyaya
Image caption Abahinga bavuga ko imbwa zagize uruhara mw'ihona ry'ubwoko bwinshi bw'inyoni

Ikibazo c'imfyinsi

I Bulaya, abahinga bavuga ko ikibazo giteye ukundi.

Barajwe ishinga n'uko imbwa zitembereza canke zizerereza zivyarana n'imfyisi.

''Ivyo bigeramiye imfyisi,'' bivugwa na Moritz wo muri WWF.

''Bibandanije uko, tuzotakaza kamere k'imfyisi''.

Impari zo kwica.

Kwica imbwa zitembereza canke zizerereza nk'inyishu vyateye impari mbere biranacibwa mu bihugu vyinshi.

Abahinga bavuga ko aho kuzica hakenewe ubuhinga bwo gucungera ukwiyongera kwazo harimwo kuzibuza kuvyara hamwe rero no kuziha incanco kugira ntizanduze indwara.

Ariko gushika ubu nta nyishu iraboneka.

Ivyo bitabaye abahinga bavuga ko mu gihe abantu baguma bagwira, imbwa uko nyene, inyamaswa zizoguma zigeramiwe.

.

Ibindi bisa n’ibi