Imvururu za Venezuela: Juan Guaidó yiyemeje kwinjiza imfashanyo mu gihugu

Guaidó Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Guaidó avuga ko ategerezwa kwinjiza imfashanyo

Umukuru w'abatavuga rumwe na Leta mu gihugu ca Venezuela Juan Guaidó yiyemeje gukora ibishoboka vyose ngo imfashanyo zazibiwe na Prezida Nicolas Maduro zinjire mu gihugu.

Ivyo yabivugiye mw'ikoraniro yaremeshereje kuri uyu wa kabiri ku murwa mukuru Caracas, aho yamenyesheje ko hari ayandi mayira n'ibindi bigo bishobora gutegurwa kugira izo mfashanyo zishobore kwinjira.

Avuga ko abashika Imiliyoni 300 bashobora kuhasiga ubuzima mu gihe izo mfashanyo zitoshobora kwinjira mu gihugu.

Bwana Guaidó ashigikiwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'ibihugu vy'Uburayi bw'Uburengerazuba ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza, yamenyesheje ko izo mfashanyo zishobora kwinjizwa kuwa 23 z'ukwezi kwa kabiri.

Avuga ko intumwa ziwe zabonanye n'abategetsi b'igihugu ca Brezil muri iyi ndwi aho babemereye ko bafise umugambi wo kwubaka ububiko bw'imfashanyo bugira kabiri mu ntara ya Roraima, ku mupaka ico gihugu gihana na Venezuela.

Amamodoka avuye muri Amerika yari atwaye imfashanyo yashitse ahitwa Cúcuta ku mupaka Kolombiya ihana na Venezuela, ariko yankirwa kwinjira n'igisirikare ca Venezuela.

Abanyagihugu ba Venezuela bahanzwe n'ikibazo c'ubukene bw'imfungurwa, mu gihe ubutunzi bw'ico gihugu bugeze ahatemba.

Perezida Maduro wewe yabwiye BBC ko atarota yemerera izo mfashanyo kwinjira mu gihugu, akavuga ko ari uburyo igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika catoye kugira cisuke mu biraba Venezuela.

Bwana Maduro asanzwe ashigikiwe n'abanyagihugu benshi hamwe n'igisirikare, eka mbere n'ibihugu vy'Uburusiya n'Ubushinwa.