Uganda ihakana ko hoba hari Abarundi birukanwa kandi bafise imvyangombwa
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Uganda ihakana amakuru yahanahanywe ku mbuga hwaniro avuga ko abarundi basubizwa inyuma

Igihugu ca Uganda gihakana ibivugwa ku mbuga hwaniro vy'uko hari abarundi bashika ku rubibe rw'ico gihugu bagasubizwa inyuma kandi bakwije ivyangombwa.

Ivyo bivugwa mu gihe inzego z'ubutegetsi bw'u Rwanda ziherutse kuvuga ko zitewe impungenge n'ukuntu abanyarwanda binjira muri Uganda bahohoterwa n'inzego zijejwe iperereza z'ico gihugu.

Twashatse kumenya ico leta ya Uganda ibivugwako, Florentine Kwizera avugana n'icegera c'umuvugizi w'igipolisi ca Uganda, Poly Namaye, atangura amubaza niba hari abantu baherutse gufatwa.

Umviriza aho hejuru ikiganiro bagiranye.

Abandi makuru kuri Uganda n'u Burundi:

Ibindi bisa n’ibi