Sentara ijejwe indyane zifatiye ku matongo mu Burundi yongewe ububasha

Abashingamateka b'u Burundi batora ingingo zongera ububasha sentare idasanzwe ijejwe ivy'amatongo, itariki 13/02/2019
Image caption Abashingamateka bemeje izo ngingo ku majwi 104 ku 106

Inama nshingamateka y'u Burundi uno munsi yatoye ingingo zibiri zongera ububasha bwa sentare idasanzwe ijejwe imanza zifatiye ku matongo.

Ubwo bubasha iyo sentare yabuhawe n'ingingo zibiri zongewe ku mategeko ayigenga, iyo iriko irakurikiza canke ishira mu ngiro ivyashikirijwe n'umugwi ujejwe gutatura amatati y'amatongo n'ayandi matungo, CNTB.

Ingingo ya mbere ni iyemerera iyo sentare guhindura ubusa impapuro zifiswe n'abakuwe mu matongo yasubijwe ba nyeneyo bari barayatswe mu myaka ya kera.

Vyahora bitera ikibazo gikomeye kuko abo CNTB yasubiza amatongo, vyaca bigorana ko bayashikira.

Vyaterwa n'uko sentare yihariye ata bubasha yari ifise bwo guhindura ubusa impapuro z'abimuwe, no kuronsa impapuro ndangatongo abasubijwe mu vyabo.

Iyindi ngingo ni uko iyo sentare idasanzwe ubu ari yo yonyene izoba ifise ububasha bwo guca imanza zerekeye amatongo yanyazwe mu gihe c'intureka.

Ayo mategeko yari yashikanywe mu nama nshingamateka n'umushikiranganji ajejwe ubutungane, Aime Laurentine Kanyana, akaba yagiweko impari zikomeye n'abashigamateka.

Image caption Sentare yihariye ubu niyo yonyene ica imanza z'indyane z'amatongo

Hari mbere n'abashingamateka bagaye cane ingene umugwi CNTB ukora, bakavuga ko wiyobagiza ivyumvikanyweko Arusha.

Umushingamateka Andre Ndayizamba yagize ati: "Abanyagihugu batobato nibo bariko barariha amakosa yakozwe na reta za kera.

"Amatongo nka yose yatangwa na reta. Mu biganiro vy'Arusha bari bumvikanye ko hoshirwaho ikigega gishumbusha abo banyagihugu. Ariko ivyo vyose bisa n'ivyibagiwe".

Ariko naho vyagenze uko, izo ngingo zibiri zongera ububasha sentare idasanzwe zemejwe n'abashingamateka ku majwi 104 ku 106.

Izo ndyane zifatiye ku matongo zerekeye ahanini amatongo yahora abamwo abantu bahunze mu ntureka zo mu 1972, ayo matongo agaca ahabwa abandi canke bakayigarurira, bahungutse bagasaba kuyasubizwa.

Ibindi bisa n’ibi