Urusasu rwahushije inzira mu munsi mukuru rwishe umuririmvyi muri Ethiopia

Dadhi Gelan aririmba Uwufise ububasha kw’isanamu Tufa Wodoja
Image caption Dadhi Gelan yahamagarira abanyagihugu guhagurukira agateka kabo

Umuririmvyi w'umunya Ethiopia yapfuye ahitanywe n'urusasu rwatewe hugurugwa ihoteli nshasha.

Umwe mu bagenzi biwe yabwiye BBC ko Dadhi Gelan yariko arararirimba kuri iyo hoteli y'i Ashufe, igisagara gito mu ntara ya Oromia muri Ethiopia, igihe ahitanywe n'urusasu rwahushije inzira.

Dadhi yari umuririmvyi rurangiranwa azwi cane ku ndirimbo ziwe za politike ziharanira agateka k'ubwoko bw'aba Oromo.

Kurasa mu kirere igihe c'umunezero canke c'ikigandaro birakunze gukogwa muri iyo ntara.

Mugenziwe Tufa Wodoja yabwiye BBC ko Dadhi yarahejeje kuririmba igihe ayo masasu yo kwigina iyo hoteli nshasha arekuriwe.

Abantu baciye batangura kwiruka bava muri ico kibanza igihe Dadhi ahitanywe n'urwo rusasu, rwamishe ubwo nyene.

Bwana Tufa agira ati: "Igihe yariko araririmba abantu bariko bararasa. Nimiburiburi amasasu 50 canke 60 yararekugwa ku ruririmbo rumwe."

Bwana Wodoja yabandanije ati: "Imbere yuko apfa, Dadhi yarahejeje kumbwira ati 'Ni witonde, urusasu ruhobora kukugwako."gufatwa n'urusasu

Dadhi yarazwi ku ndirimbo ziwe zo kugwanira agateka k'aba Oromo, abasaba guhagurukira ukwishira n'ukwizana.

Yaririmba mu rurimi rw'iki Oromoo kandi yaramaze kwandika ibitabo bitanu.

Ukurasisha inkoho cabaye ikibazo gihangayikishije ubutegetsi bwa Ethiopia.

Mu ntango ya kuno kwezi igisasu ca gerenade c'umugabo yarakoze ubugeni caraturitse cica abageni higinwa uwo munsi mukuru.

Igihugu ca Ethiopia cari kimaze imyaka mirongo kirangwamwo intwaro y'agahotoro imbere yuko Abiy Ahmed - umu Oromo wa mbere yabaye umushikiranganji wa mbere - aja ku butegetsi.

Ubwoko bw'aba Oromo nibwo bwa mbere burimwo abanyagihugu benshi muri Ethiopia.

Bagiye bidoga ko bakumigwa ku vya politike n'ubutunzi.

Ibindi bisa n’ibi