Ekleziya Katolika yirukanye Theodore McCarrick yahoze ari kardinali muri Amerika kubera ihohotera rifatiye ku gitsina

Kardinali Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Theodore McCarrick yagirizwa ihohotera rifatiye ku gitsina

Uwigeze kuba ari kardinali muri Ekleziya Katolika,Theodore McCarrick, yirukanywe burundu inyuma y'uko yagirijwe ihohotera rifatiye ku gitsina.

Theodore McCarrick ni we murongozi mukuru wa mbere yirukanywe mu bupatiri mu mateka ya Ekleziya yo mu gihe ca none.

Abarongoye Ekleziya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bamenyesha ko amakosa yagirizwa ko yakubaguye umuyabaga imyaka hafi 50 iheze ari ay'ukuri.

Bwana McCarrick ubu afise imyaka 88 yari yaramaze gutanga imihoho mu mabanga yiwe, ariko akavuga ko atibuka igihe yakoreye ico caha.

Bwana McCarrick yarabaye umusenyeri mukuru wa Washington DC kuva mu 2001 gushika 2006.

Kuva aho atangiye imihoho akava mu muryango w'aba kardinali mu mwaka uheze, yaba wenyene mu rusengero rwo mu gisagara ca Kansas.

Ni we yari abaye uwa mbere mu gutanga imihoho nk'umukardinali kuva mu 1927.

Mbega yagirizwa iki?

Kardinali Timothy Dolan, musenyeri mukuru wa New York w'iki gihe, yagiriza Bwana McCarrick ko yakubaguye umwana w'umuyabaga mu gihe yari umupatiri i New York mu myaka ya 1970.

Uyo musenyeri mukuru amenyesha ko ikigo cigenga cakoze amatohoza yihwejwe n'abahinga mu vy'amategeko, mu vy'inyifato, n'abavyeyi hamwe n'umupatiri, vyasanze ivyo yagirizwa ari ivy'ukuri.

Muri ico gihe, Bwana McCarrick yamenyesheje ko atibuka igihe yakora ivyo yagirizwa, akavuga ko yera.

Ariko kuva ico gihe, hari abandi bagabo batari bake bagumye bamwagiriza ko yabafashe ku nguvu mu nzu yari ku nkengera y'ibahari muri New Jersey, mu gihe bariko bigira ubupatiri mw'iseminari.

Umwe muri bo yavuze ko yamufashe akiri umwana.

Eka ngo yaranakubaguye n'abakuze mu gihe yari musenyeri wa New Jersey nk'uko abasenyeri bo muri iyo leta babibwiye ibimenyeshamakuru vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yinjiye mu rutonde rw'amajana n'amajana rw'abandi bakuru b'Ekleziya bagirizwa ikubagura rifatiye ku gitsina ryagiriwe abana b'abahungu kuva imyaka mirongo n'iyindi.

Iyirukanwa ryiwe kandi rije habura iminsi mikeya ngo habe inama iriko itegurwa na Vaticano ijanye n'ukwiga ingene borwanya ikubagurwa ry'abana.

Vaticano imenyesha ko Bwana McCarrick yirukanywe burundu kandi ko ari ingingo ntasubirwamwo.