Akanama kajejwe amatora muri Nigeria kavuga ko ata mvo zo gusubira kuyigiza inyuma

Amatora yasubijwe inyuma hasigaye amasaha atanu ngo ibiro vy'amatora vyugururwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amatora yasubijwe inyuma hasigaye amasaha atanu ngo ibiro vy'amatora vyugururwe

Umutegetsi mu kanama kajejwe amatora muri Nigeria yavuze ko amatora y'umukuru w'igihugu n'abashingamateka atazosubira gucerezwa, avuga ko azokogwa ku munsi wa Gatandatu.

Abarorerezi mvamahanga barimwo uwahora atwara igihugu ca Botswana Festus Mogae, bafise amakenga niba ako kanama koba kiteguriye amatora uwo munsi.

Ako kanama kamenyesheje hasigaye amasaha atanu ngo ibiro vy'amatora vyugurure ku munsi wa Gatandatu, ko yungurujwe ku kiringo c'indwi imwe, bituma abantu bagwa mu gahundwe bongera bafatwa n'agashavu.

Mu kiganiro yagiranye na BBC, Bwana Mogae yavuze ko hari "amasezerano y'akazi abanza gukorwa".

Yabandanije ati: "Sinzi ko ivyo bishobora gukorwa nuko bidashoboka. Nta burenganzira mfise bwo kugira ico nobivugako ariko bituma ngira ubwoba. Sinzi ko bishobora gukogwa ku gihe."

Ku rundi ruhande uwujejwe amatora Festus Okoye yabwiye BBC ati: "Sinibaza ko abanyagihugu ba Nigeria bazotubabarira ubugira kabiri. Ku wa Gatandatu, abanya Nigeria bazoja gutora. Nta kindi kintu kizoyabuza."

Ibindi bisa n’ibi