Prezida Trump wa Amerika asaba igisirikare ca Venezuela guhabuza igihugu cabo

Trump Uwufise ububasha kw’isanamu BBC NEWS
Image caption Prezida Trump asaba igisirikare ca Venezuela gushigikira Juan Guaido

Prezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika ahamagarira igisirikare c'igihugu ca Venezuela kuva inyuma ya Prezida w'ico gihugu, Nicolás Maduro.

Mw'ijambo yavugiye mu gisagara ca Miami muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Prezida Trump yagabishije ko "amaso y'isi yose" ahanze abo bose bamushigikiye.

Yamenyesheje ko abo bose babandanya bashigikira Prezida Maduro bariko bashira kazoza kabo n'ubuzima bwabo mu ngorane.

Iryo jambo yarishikirije kw'ishure kaminuza mpuzamakungu ya Miami muri Leta ya Floride, imbere y'isinzi ry'abantu bari barwiriyemwo abimukira bava mu bihugu vya Venezuela na Cuba.

Muri iryo jambo, Prezida Trump yiyamirije leta ya Venezuela yise intwaro y'agahotoro, anagiriza Prezida Maduro ubwiwe ko ari "igikoresho c'igihugu ca Cuba", kandi ko arongoye akarwi k'abasuma.

Yongeye asaba igisirikare gushigikira n'ugukingira ubuzima bwa Bwana Guaidó hamwe n'ubw'abari mu myiyerekano.

Prezida Trump yongeye kumenyesha ko ashigikiye Bwana Guaidó nk'umukuru w'igihugu yizewe.

Yatangaje ko akirondera inzira y'amahoro mu kwumvikanisha abo banyepolitike, ariko ko n'izindi nzira zuguruye.

Prezida Maduro wa Venezuela yiyamirije ijambo rya Trump yagereranije nk' "ijambo ry'aba NAZI", anatangaza ko igisirikare kizokwivuna gisenyera ku mugozi umwe.

Umukuru w'igihugu ca Venezuela yaranse gutanga imihoho canke gutunganya ayandi matora, nk'uko bibandanya bisabwa n'amakungu .

Ivyo bibaye inyuma y'uko ibihugu bimwe, harimwo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bimenyeshereje ko bishigikiye Juan Guaidó, umunyepolitike atavuga rumwe na leta, nk'umukuru w'igihugu mfatakibanza wa Venezuela.

Mu kwezi guheze kwa nzero, Juan Guaidó asanzwe arongoye Inama Nshingamateka, yitangaje ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza mu myiyerekano yari yatunganijwe n'abatavuga rumwe na leta.

Bwana M. Guaidó yariyemeje ko azohagarikira amatora mashasha kubera ko ngo amatora yo mu mwaka uheze wa 2018 yahaye intsinzi Maduro yaranzwe n'utunenge.

Prezida Maduro ariyamiriza ibihugu ngo vyivanga mu biraba igihugu ciwe, akaba ashigikiwe n'igisirikare hamwe n'ibihugu bigenzi vyaco.