Umuyabaga wa Oldham mu Bwongereza yari muri koma avyuka asanga yibarutse

Stevenson Uwufise ububasha kw’isanamu SWNS
Image caption Ebony Stevenson yatangaye abonye bamuzaniye umwana

Umwigeme w'umuyabaga yinjiye muri koma mu gihe yaja kuryama yumva amenetse umutwe yikanguye inyuma y'iminsi ine asanga afise umwana yibarutse atari avyiteze.

Ebony Stevenson w'imyaka 18 wo muri Oldham ntiyari azi ko yibungenze mu gihe yaja kuryama yumva atameze neza.

Bamutwaye kwa muganga mu gihe yafatwa n'intandara aho abaganga bamupimye bagasanga ari ku bise.

Uwo mwana yari yibungenze yari yinyegeje mu gitereko kimwe, muri bibiri yari afise, ari co bite "uterus didelphys", ibidasanzwe mu buzima bw'umukenyezi.

Igitereko kimwe cabandanya kija mu butinyanka, mu gihe ikindi coco cari cibungenze.

Cari giherereye amaja mu mugongo, ku buryo iyo mbanyi itigeze iboneka.

Uyo mwigeme asanzwe akurikirana ivyigwa vy'ukugorora, yagiye kwikangura kuwa 6 z'ukwezi kwa 12 inyuma y'uko yibarutse umwana w'umwigeme.

Ntiyigeze aboneka ko akuriwe, kandi ntiyigeze aja mw'irekwe canke ngo aje mu butinyanka.

Uwo muyabaga yisanze ari nyina w'umwana yise Elodie avuga ko ivyamushikiye ari ibisigabwenge

Avuga ati : " Mbonye umwana wanje sinatahuye. Nabona ko ari ibintu birengeye umuntu".

Avuga ko yari afise ubwoba bw'uko atazokwiyumvamwo uyo mwana kuko ngo atamwanya yaronse w'ukumwitegurira.

Kuri we ngo cari igitangaro.

Abaganga basanze intandara yarwaye zaterwa n'iyo mbanyi, baca bamenyesha nyina wiwe ko akuriwe kandi ko hari hageze ko yibaruka.

Baciye bamukora vyihuta hanyuma yibaruka Elodie inyuma y'amasaha atatu afashwe n'intandara za mbere.

Sheree, nyina wa Stevenson afise imyaka 39 y'amavuko, yamenyesheje ko yahamagaye ku nomero 999 abonye ko umukobwa wiwe afashwe n'intandara ari mu bwogero.

Avuga ko atibaza ko umukobwa wiwe yari afise inda, n'aho abaganga bobo bavyemeza, akavuga ko yagiye gutangara abonye inda ibonetse.

Stevenson avuga ko yabonye bamuzanira umwana bakamushira ku gikiriza ciwe mu gihe yari amaze kwikangura.

We yabona ko bihenze, abasaba ko bamukurako uyo mwana.

Ati: "Ariko mama yaransiguriye vyose mu gihe abo baganga bari aho, hanyuma baransubiza umwana wanje kugira ndamugumye neza.

"N'aho ntatahura ivy'ari vyo, kandi mfise ubwoba, cambereye igihe c'umunezero kandi akana kari gatekereje".

Stevenson yategura ku muri uku kwa kabiri asubira kw'ishure aho yiga kw'ishure ryisumbuye Hopwood College, mu gisagara ca Middleton.

Ibindi bisa n’ibi