Perezida Yoweri Museveni wa Uganda azokwitoza ku kiringo ca gatandatu mu 2021

Perezida Yoweri Museveni wa Uganda Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Perezida Museveni afise imyaka 74 y'amavuko akaba yashikiriye ubutegetsi mu 1986

Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Uganda wagenye Yoweri Museveni ngo abe ariwe yitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu matora ategekanijwe mu 2021.

Uwo mutegetsi w'imyaka 74 yaje ku butegetsi mu 1986, azoba agiye gutwara igihugu ca Uganda ku kiringo ca gatandatu.

Mu nama yari irongowe na Bwana Museveni kuri uno wa gatatu, umugambwe "National Resistance Movement" (NRM) wumvikanye ko akwiye "kubandanya arongora umuhari n'igihugu mu 2021 n'inyuma yaho, kugira afashe gukura inzitizi zibuza amahinduka".

Bwana Museveni yigeze kwivugira ko indongozi "zitsimbatara" ku butegetsi arizo mizi y'ingorane Uganda na Afrika irimwo.

Ashikira uburongozi bw'igihugu ku kiringo ca gatanu mu 2016, yavuze ko atari igihe co kuva ku butegetsi, asigura ko agifise akazi gakomeye ko gukora.

Abaye umukandida mu matora yimirije muri Uganda inyuma yaho yemeje mu 2017 itegeko rihanagura imyaka ntarengwa y'amavuko ku witoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu ISAAC KASAMANI
Image caption Robert Kyagulanyi, canke Bobi Wine, umuririmvyi yahindutse umunyapolitike, niwe agiye guhangana na Museveni

Amategeko y'imbere y'ico gihe akaba yavuga ko uwitoza atoba arenza imyaka 75.

Sentare Ntahinyuzwa ya Uganda ikaba yatanguye kwumviriza urubanza rw'abiyamiriza iryo tegeko mu kwezi guheze.

Muri ino myaka ibiri isigaye ngo igihugu kije mu matora, umunyapolitike bagiye guhangana ni umuririmvyi azwi cane Bobi Wine.

Kizza Besigye yabivuzeko iki?

Hagataho umunyapolitike yagiye ahangana na Perezida Museveni mu matora, Kizza Besigye yavuze ko ivyabaye mu mugambwe NRM atawe vyotangaza, avuga ko ata wundi muntu ashobora kugira ico avuze atari Museveni.

Yagize ati: "Benshi mu 'ndongozi' ntibanezerejwe n'ibi vyose hamwe n'ibindi bibazo bijanye n'uburongozi, ariko bazo ko ubukiriro bwabo bushobora kuja mu kaga igihe boba batakiri muri NRM - mu gihe bazi agahotoro gakoregwa abayigwanya."

Bwana Besigye amaze kugwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu kabiri, mu matora yo mu 2001 no mu 2006.

Ibindi bisa n’ibi