Ibintu 5 vyemeza ko isi idashashe ahubwo ari umubumbe

Hari abemera ko isi ishashe (irambuye) Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hari abemera ko isi ishashe (irambuye)

Naho hari abokwiyumvira ko ari ikinyoma, birakwiye ko muri kino kinjana ca 21 abantu bamenya ko isi ari umubumbe, ivyo bikaba bizwi ukwo mu myaka irenga 2000 irangiye.

Naho biri uko, abavuga ko isi ishashe (irambuye) baguma biyongera.

Hari uburyo busanzwe bwo kwemeza ko isi ari umubumbe, ko idashashe.

1. Ihweze ubwato mu kiyaga

Fata amatarubini (jumelles) hanyuma wicare ku nkengera z'ikiyaga.

Iyo uriko ukurikirana ubwato bw'igitambara (bateau à voile) busoza buja imbere, haragera igihe udasubira kubona igice co hasi cabwo, ukabona igitambara gusa, munyuma naco nyene ntusubire kukibona.

Michelle Thaller wo mu kigo NASA kijejwe ibigendajuru agira ati: "Iyaba isi yari ishashe, wobandanije ubona ubwo bwato ariko bugenda buba buto kurusha, ariko ukabubona bwose."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubwato busoza mu mazi

Nico kimwe n'igihe ubwato buza bwerekeza inkombe. Iyo bwegereje ubanza kubona igitambara n'icuma gihambiriyeko, ukabona ibindi bihimba vy'ubwato munyuma.

2. Urira igiti

Iyumvire ko woba uri mu kiyaya kinini gitewemwo igiti hagati.

Mu gihe isi yoba yari ishashe ukaba uriko uterera amaso kure cane, wobonye bimwe mu gihe woba uri hasi no mu gihe uri hejuru kw'isonga ry'igiti.

Ariko mu gihe isi ari umubumbe, iyo wuriye igiti ubona ibintu vyinshi udashobora kubona iyo uri hasi. Ukwo uja hejuru cane niko ubona vyinshi kurusha.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mu myaka iherutse hari abantu bemeza ko isi ishashe

3. Ihweze ubwira kabiri bw'ukwezi

Igihe c'ubwira kabiri bw'ukwezi, isi ija hagati y'ukwezi n'izuba, bigatuma irungika igitutu cayo ku kwezi.

Usanga igituru isi irungika cibumvye. Iyaba isi yarishashe ku buryo bw'ingasiro ntiyotanze igitutu nka mwenico.

Umuhinga Neil deGrasse Tyson aratwenga abavuga ko isi ishashe, avuga ko ari nkaho batarigera babona ubwira kabiri bw'ukwezi.

4. Iyo ufashe urugendo mu ndege

Iyo ufashe urugendo urashobora kubona kw'isi idashashe nkuko bamwe bavyibaza.

Uriko uraca hejuru y'ibahari ya Atlantique urabona kenshi ingene isi yishushanye nk'umuheto.

Iyo uriko ugendera mu ndege yo mu bwoko bwa Concorde igendera hejuru cane, hoho urabona neza uwo muheto.

Mu bisanzwe uwo muheto utangura kuwubona iyo ugeze ku birometero 10 mu kirere, ukaboneka neza kurusha ushitse ku birometero 15 mu kirere.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Urarabira mu ndege ingene isi yihese nk'umuheto

5. Raba ingene amasha ahindagurikana n'uturere umuntu agezemwo

Mu gihe mu duce tumwe tw'isi ari ku murango, ahandi usanga ari mw'ijoro.

Ivyo bisigura kw'isi ari umubumbe, ico gihe izuba riba ryamuritse uruhande rumwe, urundi rukaja mu kizime.

Iyaba isi yari ishashe tworonse umuco w'izuba no mu bihe twita ijoro.

Ibindi bisa n’ibi