Muhammadu Buhari aragabisha abategura kuzokwiba amatora

Muhammadu Buhari Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Umukuru w'igihugu ca Nigeria Muhammadu Buhari yavuze ko yategetse igipolisi n'igisirikare kutihanganira abategekanya kwiba amatora , inyuma y'aho amatora rusangi yigirijweyo ku munota wa nyuma. Abanegura amajambo yiwe biyamirije ico bise ''ubutungane bw'akaruta akandi kakamira''.

Uwo mukuru w'igihugu yavuzeko umugwi w'igihugu ujejwe amatora utashoboye amabanga wajejwe yongera asaba amatohoza ku vyatumye amatora yigizwayo.

Umugwi w'igihugu ujejwe amatora wamenyesheje ko ibikoresho vy'amatora arivyo vyatumye amatora yigizwayo.

Bwana Buhari yavuze ayo majambo mu nama y'umugambwe avamwo All Progressives Congress party (APC)yahamagajwe giturumbuka mu gisagara ca Abuja.

''Uwo wese yafashe ingingo yo kuzokwiba ibiri mu masandugu y'amatora canke agakoresha imihimbiri mu kuyonona, kumbure kizoba arico gikowa canyuma conyene kidaciye mu mategeko azoba akoze'', ukwo niko Bwana Buhari yavuze.

Yabandanije avugako umuntu wese umuntu wese ategura kuzokwonona amatora ngo amenye ko bishobora guhitana ubuzima bwiwe.

Uruhusha rwo kwica

Umugambwe kizigenza utavugarumwe na Leta muri Nigeria the People's Democratic Party (PDP), wamenyesheje ko Buhari ari nk'uko akeneye ubutungane bw'aho akaruta akandi kakamira. Umuvugizi w'umugambwe PDP Kola Ologbondiyan yavuze ati Buhari 'yatanze uruhusha rwo kwica , uruhusha ata murongozi n'umwe wo mu gihugu gifise ubuntu yotanga''.

Umugwi w'igihugu ujejwe amatora wigijeyo amatora amasaha atanu imbere y'uko ibiro vy'amatora vyugururwa mu gitondo c'umusi wa gatandatu uheze.

Uwo mugwi wamenyesheje ko vyatumwe n'ibibazo bijanye no gushikana mu bibanza bimwe bimwe vy'amatora mu gihugu ibipapuro vyo gutorerako.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imigambwe ibiri ikomeye mu gihugu yavuzeko yari ikeneye kubandanya imyiyamamazo.

Amatora y'umukuru w'igihugu hamwe n'ayo abashingamateka ategekanijwe ku musi wa gatandatu italiki ya mirongo ibiri na gatatu.

Amatora y'abayobozi b'intara , ayo abagize inama nshingamateka n'ayo abajenama b'uturere yigijwe kw'italiki ya cenda z'ukwezi kwa gatatu.

Harikekwa iyindi tariki

Naho biruko, indorerezi z'amatora zabwiye BBC ko zitizeye ijana kw'ijana ko amatora ashobora kuba mu musi wa wa gatandatu.

Festus Mogae yigeze kuba umukuru w'igihugu ca Botswana yavuze ko atizeye ko ibikorwa vyose bikenewe harimwo guharura udusandugu tw'amatora bizoba ku mwanya utegekanijwe.

Iyindi ndorerezi mpuzamakungu y'amatora ariwe uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu ca Gambia Fatoumata Tambajang yavuze ko ategerezwa kuvugisha ukuri ko ibikorwa vyinshi cane vyotegerejwe kuba vyaraheze.

Naho ivyikeko biruko, umwe mu bagize umugwi ujejwe amatora Festus Okoye yabwiye BBC ko uyo mugwi utasubira kwigizayo italiki y'amatora.Yongeye aranashimangira agira ati '' nta bindi bibazo bikiriho ubu.

Hakurikijwe amategeko agenga amatora, ibikorwa vyo kwiyamamaza vyahagaze amasaha mirongo ibiri n'ane imbere y'uko amatora aba. Umukuru ajewe amatora yavuzeko bizoguma bihagaritswe vy'imfatakibanza gushika ku musi wa gatandatu.

Ariko, imigambwe ibiri ikomeye mu gihugu yavuzeko yari ikeneye kubandanya iyo myiyamamazo.

Ibindi bisa n’ibi