U Burundi busaba inama y'ibihugu bifise inteko muri Somalia

Prezida Nkurunziza arikumwe n'umukuru w'igihugu ca Somalia ku kibuga c'indege i Bujumbura

Ahavuye isanamu, BURUNDI PRESIDENT'S OFFICE

Insiguro y'isanamu,

Prezida Nkurunziza arikumwe n'umukuru w'igihugu ca Somalia ku kibuga c'indege i Bujumbura

U Burundi busaba ko hotunganywa inama yihuta ihuza ibihugu vyose vyarungitse ingabo guhagararira amahoro muri Somalia kugira vyigire hamwe ingene ingingo yo kugabanya inteko z'u Burundi yafashwe n'ishirahamwe rya Afrika yosubirwamwo.

Umukuru w'igihugu c'u Burundi Petero Nkurunziza yabishikirije igihe yariko arasezerana n'umukuru w'igihugu ca Somalia Mohamed Abudallahi Mohamed kuri uyu wa kabiri, inyuma y' urugendo rw'iminsi ibiri uwo mushitsi yaramazemwo mu Burundi.

Inyuma y'umubonano yagiranye na Mohamed Abdullahi Mohamed arongoye igihugu ca Somalia,umukuru w'igihugu c'uburundi Petero Nkurunziza yavuzeko abo bategetsi babiri baganiriye ahanini ku bijanye n'imigenderanire y'ibihugu vyompi hamwe n'uruhara rw'ingabo z'uburundi ziri kugarukana amahoro muri Somalia.

Petero Nkurunziza yaneguye ingingo yo gutangura gutahukana izo ngabo iherutse gufatwa n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.

Bitegekanijwe ko imbere yuko uku kwezi kwa kabiri guhera, ingabo z'abarundi zizoba zagabanijweko abagera ku gihumbi.

Umukuru w'igihugu c'u Burundi Petero Nkurunziza yasavye ko hatunganywa inama yihuta kugira ico kibazo cigwe.

Yagize ati: 'Ingingo yafashwe ntiyanezereje abarundi, ndetse mbere ntiyanezereje n'igihugu ca Somalia. Twipfuza ko hoba inama yihuta ihuza ibihugu bifise ingabo muri Somalia, kugira ico kibazo cigwe maze iyo ngingo ihagarikwe'.

Ahavuye isanamu, BBC

Insiguro y'isanamu,

Abasirikare ba Amisom muri Somalia

Umukuru w'igihugu ca Somalia Mohamed Abdullahi Mohamed, nta na kimwe yigeze ashikiriza ku bijanye n'ingingo yo kugabanya abasirikare b'abarundi.

Ariko, arashima uruhara rwa bo muri Somalia.

Ibihugu bifise abasirikare muri Somalia, ni Kenya, u Burundi, Uganda, Ethiopia na Djibouti.