Brezili ciyemeje kwinjiza imfashanyo ya Amerika muri Venezuela n'aho Perezida Maduro abandanya yanka

Venezuela Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Gushika ubu Venezuela yarashoboye kuzibira imfashanyo ziri ku rubibe ico gihugu gihana na Colombia

Igihugu ca Brezili kivuga ko gitegerezwa kuba carungitse imfashanyo ku rubibe ico gihugu gihana na Venezuela hatarenze mu mpera y'iyi ndwi, n'aho prezida Nicolás Maduro abandanya avyamirira kure.

Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Brezili amenyesha ko umunyepolitike atavuga rumwe na leta, Juan Guaidó, ariwe ariko ategura itangwa ry'izo mfashanyo.

Igihugu ca Brezili - kirongowe na Prezida Jair Bolsonaro - ni kimwe mu bihugu bishigikiye Bwana Guaidó nk'umukuru w'igihugu mfatakibanza wa Venezuela.

Jenerali Otávio Régo Barros avugira ibiro vy'umukuru w'igihugu, amenyesha ko imfungurwa n'imiti bitegerezwa kuba vyashitse mu gisagara ca Pacaraima kiri ku rubibe ivyo bihugu bisangiye.

Avuga ko zizokwinjizwa mu gihugu na "leta irongowe n'umukuru w'igihugu mfatakibanza Juan Guaidó, zikazotwarwa n'amamodokari ya Venezuela kandi anyongwa n'abashoferi ba Venezuela".

Avuga ati: "Brezili iriko ikorana n'ibindi bihugu vyo kw'isi mu gushigikira leta ya Guaidó n'abanyagihugu ba Venezuela".

Bwana Guaidó wewe amenyesha ko hari abiyemeje kwitanga bashika ibihumbi 600 bakaba bamaze kwiyandikisha ngo bazokwinjize iyo mfashanyo mu gihugu kw'igenekerezo rya 23 za kuno kwezi kwa kabiri nk'uko yabiteguye.

N'aho biri uko, ntawuzi ko izo mfashanyo zizokwemererwa kwinjira mu gihugu. Umushikiranganji wo kwivuna abansi w'igihugu ca Venezuela, Vladimir Padrino, yaragabishije ku munsi wa kabiri ko igisirikare carungitse ingabo zaco ku mipaka kandi ko biteguriye gukingira imbibe.

Amenyesha ko ingabo za Venezuela zitarota zemerera imfashanyo itanzwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'ibindi bihugu vyemera leta ya Bwana Guaidó kwinjira mu gihugu.

Arongera agashimangira ko igisirikare ca Venezuela gishigikiye Prezida Maduro, akiyamiriza akamo katewe na Prezida Trump wa Amerika gahamagarira ico gisirikare ca Venezuela gushigikira Bwana Guaidó.

Umukuru w'igisirikare c'ico gihugu, Vladimir Quintero, yatangaje ko imbibe zose zo mu kirere no mu mazi zugaye. Aho ni mu gihe izinga rya Curacao rihana urubibe na Venezuela ryari ryiteze kwakira imfashanyo za Amerika mu kurindira ko zinjira muri ico gihugu.

Gushika ubu, igisirikare carashoboye kubuza ko imfashanyo za Amerika ziri ku rubibe Venezuela ihana na Colombia zinjira mu gihugu.

Prezida Maduro wewe aguma yemeza ko ata ngorane ziri mu gihugu, akavuga ko izo mfashanyo ari amanyanga ariko ategurwa na Amerika kugira ngo zitere igihugu ca Venezuela.