Boniface Murage wo muri Kenya yarokotse gupfungwa kubera atarishe amahera y'ibitaro

Kenya Hospital Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abagiraneza baciye bamurihira fagitire y'amadolari 500

Umugabo w'umunyakenya yari yahagaritswe ariko agerageza gutorokesha uruyoya rwari mu bitaro kubera atashoboye kuriha fagitire y'amadolari 500 (hafi ibihumbi amajana icenda y'amarundi), yarokotse urubanza rwo gupfungwa.

Boniface Murage w'imyaka 22 y'amavuko, yaciriwe igipfungo c'amezi atatu yidegemvya mugabo akirindiriye, bisigura ko ashobora gutahana umwana wiwe.

Ni inkuru yakoze ku mitima, inababaza Abanyakenya benshi.

Bwana Murage yagerageje gusohokana uruyoya rwiwe rumaze ukwezi kumwe kw'amavuko rwari rurwariye mu bitaro Kenyatta National Hospital atarishe amahera y'ibitaro. Akaba yaciye ahagarikwa n'abajejwe umutekano w'ivyo bitaro.

Mu nyuma haciye haboneka imfashanyo ku bwinshi, aho hari umushingwamanza yaciye yemera kumuburanira ku buntu, abagiraneza nabo bakamurihira amahera y'ibitaro. Abandi nabo bamurungikiye imfashanyo y'amahera.

Mu gihe yari muri sentare ku munsi w'ejo ku wa kabiri, uyo mugabo yaremeye icaha, vyumvikana ko yari guhava apfungwa. Ariko umucamanza Muthoni Nzibe yaramurekuye, asabwe ko atazosubira gukora ikindi caha mu mezi atatu akurikira.

Ibindi bisa n’ibi