Abasirikare bahagarikiwe gukoresha "smartphones" ku mvo z'umutekano mu Burusiya

Umugore yifata selfie n'umusirikare w'umurusiya Uwufise ububasha kw’isanamu Tass/Getty
Image caption Kwifata amafoto ku buryo bwa selfie vyabujijwe

Inama nshingamateka y'Uburusiya yemeje itegeko ribuza abasirikare gukoresha "smartphones" bari mu mirimo, inyuma yaho ingene bazikoresha ku mbuga hwaniro biteye ikibazo c'umutekano.

Iryo tegeko rishasha ribuza abakora mu gisata co kwivuna abansi gutunga telefone ngendanwa ishobora gufata amafoto, gufata za videwo no kuja ku mbuga ngurukanabumenyi.

Abo basirikare bihanikijwe kwandika amakuru yerekeye igisirikare no kuvugana n'abamenyeshamakuru.

Abadepite barenga 400 ku 450 b'inama nshingamateka y'Uburusiya, DUMA, bashigikiye iryo tegeko ku munsi wa Kabiri.

Amatelefone yo guhamagara no kurungika ubutumwa ararekuriwe, ariko "tablettes" na "laptops" navyo nyene vyabujijwe.

Amakuru y'abasirikare asohoka ku mbuga hwaniro yatumye havuka imbuga z'itangazamakuru nka Bellingcat zishikiriza amabanga y'akazi y'inteko za gisirikare z'Uburusiya, rimwe na rimwe ku masaha ziba ziri mu mirimo.

Iryo tegeko ritegerezwa guca mu nama nkenguzamateka imbere yuko rishigwako umukono na Perezida Vladimir Putin.

Vyakozwe kubera iki?

Abategetsi b'Uburusiya bavuga ko iyo ngingo ikenewe mu gukingira amabanga y'igisirikare, ngo ntaje mu minwe y'ibigo vy'iperereza vy'ibindi bihugu.

Mu myaka ya vuba irangiye, amakuru yashizwe ku mbuga hwaniro yatumye hamenyekana ko abasirikare b'Uburusiya bari mu buseruko bwa Ukraine no muri Syria, bija kubiri n'imvugo ya leta yavuga ko ata basirikare yarungitse muri utwo duce.

Kuva mu 2017, abasirikare b'abarusiya baragabishijwe ku bijanye no gutanga amakuru ku mbuga ngurukanabumenyi, harimwo no kwifata amafoto ku buryo bwa "selfie".

Uburusiya sico gihugu ca mbere giteye intambwe mu gushinga amategeko akura umwidegemvyo ku basirikare mu gukoresha imbuga hwaniro, ku mvo z'umutekano.

Muri Amerika igisirikare caho caragize imyitwarariko y'umutekano igihe ikigo co kwinonora imitsi cerekaniye inzira abasirikare bacamwo mu kwinonora imitsi aho bari mu birindiro vyabo kw'isi yose - harimwo Syria na Afuganistani igihe c'ingwano.

Abasirikare ba Amerika baracarekuriwe gukoresha imbuga hwaniro ariko bisunze amategeko.