Trump yanse ko umugore yahora muri IS, Hoda Muthana, asubira muri Amerika

Hoda Muthana Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hoda Muthana ni umwigeme w'imyaka 24 yagiye muri IS avuye muri Leta ya Alabama muri Amerika

Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yavuze ko umugore yavuye muri Amerika akaja gukwiragiza inyigisho z'umugwi wiyita Leta y'iki Isilamu (IS) adashobora kwemeregwa gusubira mu gihugu.

Ku mbuga hwaniro ya Twitter, yavuze ko yahaye amategeko umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu Mike Pompeo "kutemerera Hoda Muthana kugaruka mu gihugu".

Bwana Pompeo yaheruka kuvuga ko uwo mwigeme w'imyaka 24 atari umunyamerikakazi ko atazokwemeregwa.

Ariko umuryango wiwe hamwe n'uwumwunganira mu manza bavuga ko afise ubwenegihugu bwa Amerika.

Madamu Muthana, yakuriye muri Alabama, yagiye muri Syria kwiyunga n'umugwi IS afise imyaka 20.

Yabwiye umuryango wiwe ico gihe ko agiye mu bikorwa vya Kaminuza wo muri Turukiya.

Ivy'uwo mwigeme bisa n'ivy'uwundi mwigeme yavukiye mu Bwongereza, Shamima Begum, yambuwe ubwenegihugu bw'Ubwongereza.

Madamu Begum yavuye mu gisagara ca Londres mu 2015 agiye kwiyunga na IS ariko akaba yavuze ko yipfuza gusubira mu Bwongereza.

Perezida Trump yaheruka mu minsi irangiye kubwira Ubwongereza hamwe n'ibindi bihugu vya Buraya kwakira no gushikiriza ubutungane abagwanyi ba IS bafatiwe ku rugamba mu migwano ya nyuma.

Yagabishije ko bitagenze ukwo urunani rwa gisirikare rurongowe na Amerika ruzoca rubarekura.

Uwuburanira Madamu Muthana, Hassan Shibly, yavuze ko "bidafise ishingiro" ko Bwana Trump asaba ibihugu vya Buraya kwakira abenegihugu bavyo nawe "agatangura kugira iyindi nyifato iyo bigeze ku banyagihugu ba Amerika."

Yabwiye itororokanirizo ry'amakuru ABC ati: "Uburongozi bwa Trump buguma burondera kwambura abenegihugu babwo ubwenegihugu."

"Hoda Muthana afise igitabo c'inzira ca Amerika gikwije ivyangombwa kandi n'umwenegihugu. Yavukiye ahitwa Hackensack i New Jersey mu 1994, haheze amezi se akuwe mu kazi k'ubuserukizi."