Joseph Kabila yahoze arongoye Kongo yategetse abakuru b'urunani rwiwe kwama bamugamburukira

Joseph Kabila w'imyaka 47 y'amavuko, yaratwaye Kongo guhera mu mwaka wa 2001 kugera mu kwezi kwa mbere k'uyu mwaka wa 2019

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Joseph Kabila w'imyaka 47 y'amavuko, yaratwaye Kongo guhera mu mwaka wa 2001 kugera mu kwezi kwa mbere k'uyu mwaka wa 2019

Joseph Kabila yahoze arongoye igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Kongo yategetse abakuru b'urunani rwa politike arongoye ko biyemeza kuzokwama bamugamburukira.

Bwana Kabila yatumyeko abatwara urunani rwiwe rwa FCC (Front Commun pour le Congo) bose uko ari 18 mw'itongo ryiwe riri hanze y'umugwa mukuru Kinshasa.

Umwe umwe wese yicara imbere ya Bwana Kabila agatera igikumu ku rwandiko, aho yategerezwa kwiyemeza ko azokwama amugamburukira.

Abarongoye urwo rurani baremeye ko ruhinduka rukaba urwego rwa leta.

Urwo runani FCC rwashinzwe imbere y'uko amatora aba muri Republika ya Demokrasi ya Kongo, rukaba ari rwo rwatahukanye intebe nyinshi mu nama nshingamateka y'ico gihugu. Ivyo yvatumye Bwana Kabila agumana ijunja n'ijambo muri politike ya Kongo.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Bwana Kabila (ibubamfu) ashikiza ubutegetsi Félix Tshisekedi (iburyo) ku wa 24 z'ukwa mbere muri uyu mwaka wa 2019

Haciye hafi ukwezi Joseph Kabila ashikirije ubutegetsi Prezida Félix Tshisekedi yatangajwe ko yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu yabaye ku wa 30 z'ukwa cumi na kabiri kw'umwaka uheze wa 2018.

Ivyabaye ku musi w'ejo ku wa gatatu vyatumye abatari bake bibaza nimba koko Prezida Tshisekedi ariwe afise ubutegetsi mu vy'ukuri.

Ivyo kandi ni ikindi cemezo ko Bwana Kabila yahoze ari umukuru w'ico gihugu, afise intumbero y'ukugumana ubutegetsi n'aho yari yemeye gutanga imihoho inyuma y'ayo matora yabayemwo impari zikomeye.