Narokotse kubera ko'uwategerezwa kunyonga yanshikira yarushe'

Byson Kaula yahatswe gatatu kunyongwa ku gihano c'urupfu yari yakatiwe
Image caption Byson Kaula yahatswe gatatu kunyongwa ku gihano c'urupfu yari yakatiwe

Ari ku rutonde rw'abantu bakatiwe kwicwa muri Malawi, Byson Kaula yarokotse incuro zitatu - bitewe nuko ivyo bihe vyose uwategerezwa kumwica amumanitse yahagarika akazi atararangiza igitigiri c'abo yategerezwa kwica uwo munsi.

Yarabandanije kubaho gushika igihe ubutegetsi buhagaritse kunyonga abantu.

Igihe yari ku rutonde rw'abicwa, hari umuntu umwe gusa yakora ako kazi - umunya Afrika Yepfo yaca mu bihugu vyinshi, agenda amanika abantu.

Igihe ashitse muri Malawi, Boyson avuga ko yibuka ko izina ryiwe ryari ku rutonde rw'abantu 21 bategerezwa kumanikwa mu kiringo c'amasaha.

Ico gihe yarabandanije gushika isaha icenda, munyuma arahagarika ico gikorwa atari bwarangize kwica abari ku rutonde bose.

Abantu batatu basigaye bategerezwa guca barindira gushika igihe azosubira kugarukira.

Mu 2007 haheze imyaka 25 Byson apfunzwe, imanza z'abari bakatiwe igihano c'urupfu bisabwa ko zisubirwamwo.

Igihe abacamanza bavugiye ko bagiye gutwara Byson muri sentare yabanje kwanka, kubera ubwoba bw'ivyo yaramaze kubona.

Yahavuye yemera aragenda, munyuma igihe umucamanza amubwiriye ko yidegemvya ko ashobora gutaha, yakubiswe n'inkuba.

Ibindi bisa n’ibi