Abahohotewe n'abapatiri mu gusambanywa nabo bavuze amahono baciyemwo mu nama i Vatikano

Abasenyeri bavuye mu bihugu hafi 150 bitavye inama y'iminsi itatu kw'ihohoterwa rifatiye ku gitsina rigirwa n'abapatiri, i Vatikano, itariki 21/02/2019 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasenyeri bitavye inama i Vatikano kw'ihohotera rifatiye ku gitsina rikorwa n'abapatiri, babwiwe amahano abahohotewe baciyemwo

Abantu bakozweko n'ibikorwa vyo guhohoterwa mu gusambanywa n'abapatiri ba Gatolika, bavuze ayo babonye mu nama idasanzwe yateguwe i Vatikano na Papa Francis kuri ico kibazo.

Umwe muri abo bantu yabwiye iyo nama y'abasenyeri bavuye mu bihugu bishika hafi ijana na mirongo itanu, ko ishengero Gatolika ryafashe abahohotewe nk'ababeshi hamwe n'abansi b'ishengero.

Mu kwiyamiriza abapatiri bakora iryo hohoterwa, abahohotewe bavuze ko "abaganga b'imishaha bahindutse abicanyi b'ukwemera."

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Papa Francis yemeye ko hazofatwa ivyemezo bigaragara

Aho yatanguza iyi nama y'iminsi itatu, Papa Francis yemeje ko hazofatwa ingingo zigaragara zibushitse.

Ariko abaharanira agateka k'abahohoterwa bavuga ko amategeko y'ishengero Gatolika yari akwiye kureka gushira abapatiri hejuru y'abahohoterwa.

Abanyamakuru bavuga ko akazi ka Papa kabangamirwa n'uko abasenyeri bo muri Afrika na Aziya batemera ko ico kibazo gihari.