Abanya Nigeria bari mu matora aho Atiku Abubakar na Muhammadu Buhari bahanganye

Abanya Nigeria bazindukiye mu matora y'umukuru w'igihugu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Abanya Nigeria bazindukiye mu matora y'umukuru w'igihugu

Abanya Nigeria bahavuye baja mu matora y'umukuru w'igihugu kuri uyu musi wa gatandatu inyuma y'indwi iheze ayo matora yungurujwe ku munota wa nyuma.

Abakandida bashika 73 nibo bahiganwa, ariko babiri muri abo nibo bahanganye cane.

Abo nabo ni Perezida Muhammadu Buhari w'imyaka 76 y'amavuko, hamwe na Atiku Abubakar w'imyaka 72 y'amavuko, akaba yaranabaye icegera c'umukuru w'igihugu.

Perezida Muhammadu Buhari n'umugambwe wiwe, All Progressives Congress (APC), yemeree abanyagihugu ko igihugu kizotera intambwe ikurikira, akavuga ko imyaka ine ya mbere yakoze vyinshi ariko bidahuta biraboneka mu maso y'abantu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Muhammadu Buhari (ibubamfu) ahanganye bikomeye na Atiku Abubakar (iburyo)

Ku ruhande rwiwe, Bwana Atiku Abubakar n'umugambwe, People's Democratic Party, yemereye abanyagihugu ko azosubiza igihugu ca Nigeria ku nzira y'ibikorwa, akagiriza Prezida Buhari ko imyaka ine yose amaze ku butegetsi yayipfishije ubusa.

Ayo matora yari ategekanijwe ku wa 16 za kuno kwezi kwa kabiri yarungurujwe n'umurwi ujejwe gutegura amatora hasigaye amasaha atanu gusa ngo atangure, ibitanezereje abatari bake, harimwo mbere n'abo bakandida babiri bahanganye.

Muvyo uwo murwi washikirije vyatumye wunguruza ayo matora, harimwo ko wari wiketse ko yari guhava atobwa, hamwe ngo n'ikirere kitari kimeze neza.

Wamenyesheje kandi ko hari hanabaye ingorane z'ugutanga amakarata y'amatora.

Vyitezwe ko uwuzoronka n'imiburiburi amajwi 25 kw'ijana muri bibiri vya gatatu (2/3) amaleta yose agize igihugu ca Nigeria ariwe azoba yatsinze ayo matora.

Uwuzoramuka atsinze ayo matora wese azotegerezwa guhangana n'ibibazo nyamukuru bihanze abanya Nigera, cane cane ikibazo c'umuyagankuba, ikibazo c'igiturire, umutekano, hamwe n'ubutunzi bugeze ahatemba.

Bitegekanijwe ko ayo matora atangura isaha zitatu mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda, akarangira isaha icenda.

Ibindi bisa n’ibi