Umuririmvyi w'umunyamerika Robert Kelly ashobora gupfungwa yagirizwa ihotorera rifatiye ku gitsina

R Kelly yarishikanye ku gipolisi ca Chikago inyuma y'uko yagirijwe ihohotera rifatiye ku gitsina Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption R Kelly yarishikanye ku gipolisi ca Chikago inyuma y'uko yagirijwe ihohotera rifatiye ku gitsina

Umuririmvyi w'umunyamerika R. Kelly araregwa ivyaha icumi bikomeye vy'ihohotera rifatiye ku gitsina, icenda muri vyo ngo akaba yabikoreye abana.

Uyo mucuraranzi w'umuziki wo mu bwoko bwa R&B azwi kw'izina rya Robert Sylvester Kelly, canke R.Kelly, yagirizwa ko amaze imyaka mirongo n'iyindi ahohotera abakenyezi n'imiyabaga itarakwiza imyaka.

Abashikirizamanza mu gace ka Cook bagiriza R.Kelly ko, hagati y'imyaka ya 1998 na 2010, yakoze ihohotera rikomeye, mubo yarikoreye ngo hakaba harimwo n'imiburiburi abana batatu bari bafise hagati y'imyaka 13 na 16.

Ivyo birego bije inyuma y'ireresi yiswe Surviving R Kelly isohorewe mu ntango z'uyu mwaka, yerekana imyaka mirongo n'iyindi ngo R Kelly yamaze ahohotera abakenyezi batari bake, harimwo mbere ngo n'umukenyezi wiwe.

Muri iyo reresi, habonetse abakenyezi bamwagirije ko yabahohoteye, bamwe mbere bakavuga ko batari bwanashikane imyaka yemewe n'amategeko mu gihe batangura kuryamana nawe.

Inyuma y'aho, umushikirizamanza wa Repubulika mu gace ka Cook, Kim Foxx avuga ko ivyo birego vyamubabaje, yatumyeko abo bose bafise ico bagiriza R Kelly.

Niho abunganirizi mu vy'amategeko barenguka bagiriza uwo muririmvyi ko yahohoteye abakenyezi batari bake.

Aho ni nka Gloria Allred avuga ko yaserukiye abashika babiri, hamwe na Michael Avenatti avuga ko yaserukiye abashika batandatu, bose bagiriza R Kelly ko yabahohoteye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption R Kelly umuririmvyi w'indirimbo zo mu bwoko bwa R&B avuga ko yera

Ejo kuwa gatanu R Kelly yarishikanye ku gipolisi inyuma y'uko umutahe wo kumufata umaze gusohoka.

Steve Greenberg asanzwe amuburanira avuga ko yasavye kubanza kwicarana n'abashikirizamanza kugira abereke ko ivyo umunywanyi wiwe yagirizwa atari vyo, ariko ngo baranse.

Bwana Greenberg yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Associated Press ko uyo mucuraranzi w'imyaka 52 y'amavuko asanzwe aburanira yababajwe cane n'ivyo yagirizwa kandi ko bamubeshera.

Umushikirizamanza Foxx amenyesha ko R.Kelly ashobora guciribwa igihano co gupfungwa imyaka ishika 7 ku caha kimwe kimwe.