Inzoga y'ubumara yishe 70 bakora mu mirima y'icayi mu Buhindi

Umugwayi yanyoye iyo nzoga ariko aravugwa mu bitaro vy'i Assam Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abahitanywe n'iyo nzoga ni abakozi bo mu mirima y'icayi muri leta ya Assam mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu

Ubutegetsi buvuga ko inzoga y'ubumara itemewe n'amategeko yishe 70 bakora mu mirima y'icayi, abandi 200 bakaba bariko bavurwa mu bitaro muri Leta ya Assam mu buraruko bushira uburengero mu Buhindi.

Mu bahitanywe n'iyo nzoga harimwo abagore benshi, bose bakora mu mirima y'icayi muri leta ya Assam.

Abo bantu bapfuye haheze indwi zibiri inzoga zikaze zongewemwo ubumara zishe abantu 100 muri leta za Uttar Pradesh na Uttarakhand mu buraruko bw'igihugu.

Ubutegetsi buvuga ko igitigiri c'abahitanywe n'iyo nzoga gishobora kuduga.

Aba mbere bapfuye ku munsi wa Kane, nkuko vyashikirijwe na musitanteri wa komine Golaghat i Assam, Dhiren Hazarika, yavuganye n'itororokanirizo ry'amakuru Agence France-Press.

Abapfuye bose bakora mu mirima y'icayi mu makomine ya Golaghat na Jorhat.

Umukuru w'igipolisi muri komine ya Golaghat, Pushkar Singh yabwiye BBC ko abantu 58 bo muri komine ajejwe, aribo banyoye iyo nzoga ibujijwe.

Abandi 12 bapfiriye muri komine ya Jorhat, nkuko bivugwa mu makuru aturuka ahandi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umugore w'umukozi wo mu mirima y'icayi yanyoye inzoga itemewe n'amategeko

Dr Ratul Bordoloi, umuyobozi mu gisata kijejwe ubuvuzi i Golaghat, yabwiye AFP ati: "Abo bantu baje ku bitaro badahwa cane, bafise ububabare mu gikiriza kandi bahema bigoranye."

Umukozi umwe yariko aravugwa ku bitaro vya Golaghat yabwiye BBC ko yafatiwe mu murima w'icayi ku munsi wa Kane.

"Naguze inusu y'ilitiro y'umuvinyu ndawunywa ntarafungura. Mu ntango vyose vyari ibisanzwe, ariko haheze umwanya ntangura kumeneka umutwe.

"Uwo mutwe warabandanije undya ku buryo ntashobora gusinzira."

Ntiyashoboye kuruhuka kugeza mu gitondo, munyuma atangura kwumva ababara mu gikiriza. Umugore wiwe yaciye amutwara mu bitaro vyegereye iyo mirima y'icayi, munyuma yungururizwa ku bitaro vya komine.

Impfu zituruka ku kunywa inzoga zikozwe mu buryo butemewe n'amategeko, zirakunze gushika mu gihugu c'Ubuhindi.

Ubutegetsi buvuga ko bwagenye umugwi ugiye gutohoza kuri izo mpfu.

Igipolisi c'iyo leta cavuze ko cafashe umugabo agurisha iyo nzoga.

AFP ivuga ko ubutegetsi bwavuze ko hari abakozi ba leta bahagaritswe mu mabanga vy'agateganyo, mu kuba batashoboye guhagarika igurishwa ry'iyo nzoga.

Ibindi bisa n’ibi