Umukuru w'igihugu ca Sudani, Omar al-Bashir, yatangaje amategeko yo mu bihe bidasanzwe ku gihugu ciwe

Omar al-Bashir

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Omar al-Bashir avuga ko imyiyerekano imaze igihe ifise intumbero y'uguhungabanya umutekano wa Sudani

Umukuru w'igihugu ca Sudani, Omar al-Bashir, yatangaje ko igihugu kigiye kugengwa n'amategeko yo mu bihe bidasanzwe.

Ivyo yabitangaje mw'ijambo yashikirije kuri televiziyo y'ico gihugu aho yaciye abogoza leta hamwe n'abakuru b'intara 18 zigize igihugu, anagena n'abari mu nzego z'umutekano babasubirira.

Muri iryo jambo, Perezida Bashir yasavye inama nshingamateka kwigiza inyuma inama yategerezwa kwihweza ingene ibwirizwa shingiro ryohindurwa kugira ngo rimwemerere gusubira kwitoza.

Yaniyamirije imyiyerekano imaze igihe, akavuga ko intumbero yayo ari uguhungabanya umutekano w'ico gihugu.

Iryo jambo ryakurikiwe n'imyiyerekano yabereye mu gisagara ca Omdurman, ariko igipolisi caciye kibasukamwo vya vyotsi bihuma amaso, nk'uko bivugwa n'ababibonye.

Ivyo bibaye inyuma y'aho urwego rujejwe umutekano n'igendereza mu gihugu ca Sudani rumenyeshereje ko Perezida Omar al-Bashir yiteguye gutanga imihoho.

Asanzwe ahanganye n'abari mu myiyerekano imaze iminsi kuva mu kwezi kwa 12 kw'umwaka uheze, ivuye ku biciro vy'ibitoro n'umukate biguma biduga.

Iyo myiyerekano yagiye kuvamwo iyo kwiyamiriza ubutegetsi bwa Perezida Omar al-Bashir amaze imyaka 30 ku butegetsi, bamusaba ko yotanga imihoho.

Abarenga 1000 boba bamaze guhagarikwa kuva iyo myiyerekano itanguye, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu nayo akamenyesha ko abarenga 40 bamaze kwicwa n'abajejwe umutekano.

Abateguye iyo myiyerekano bamenyesha ko izobandanya gushika Perezida Bashir avuye ku butegetsi.