Umukardinali umwe ari mu nama avuga ko amadosiye yerekana ihohotera rishingiye ku gitsina yazimanganijwe

Kardinali Reinhard Marx Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kardinali Max asaba umuco nyawo ku kungene Ekleziya Katolika igiye gutorera inyishu ico kibazo

Umwe mu bakardinali ba Ekleziya Katolika bo hejuru ari mu nama i Vatikano avuga ko amadosiye yerekana ihohotera rifatiye ku gitsina yazimanganijwe, bituma ico caha kibandanya.

Kardinali Reinhard Marx akomoka mu gihugu c'Ubudagi yamenyesheje abari muri iyo nama yo kwiga icaha c'ugushurashuza abana b'abahungu cagirizwa abihebeye Imana ko n'amategeko atashoboye gukurikizwa kugira ngo bashengeze abo cagira.

Avuga ati: " Amadosiye yari kwerekana ako kabi n'abagakoze yarazimanganijwe, ayandi ntiyanugururwa, ababikorewe nabo baracungwa kandi bategekwa kunuma".

Avuga ko uburenganzira bw'abakorewe ico caha bwahonyanzwe.

Asaba umuco nyawo ku kungene Ekleziya Katolika igiye gutorera inyishu ico kibazo.

Kuri we, ibintu bigiye ahabona nta kibi kirimwo, ahubwo ikibi ngo ni uko vyokorwa hanyuma bikaguma bikingirwa ikibaba.

Iyo nama rukokoma y'imisi ine ikoranije abasenyeri 190 bava mu mihingo yose y'isi yose.

Ekleziya Katolika ihanzwe n'ikibazo c'ihohotera rishingiye ku gitsina rigirirwa abana n'imiyabaga, aho abakorewe ico caha bayagiriza ko yananiwe n'ukugitorera inyishu.

Ku munsi wa gatanu, Karidinali Marx - umwe mu bahanuzi icenda ba Papa, bazwi kw'izina rya C9 - yarabonanye n'abakorewe ayo mabi bakiriho hamwe n'abagize umugwi uyagwanya kw'isi, Ending Clergy Abuse.

Amajana y'abayakorewe bariko bakorera imyiyerekano hanze ya Vatikano, basaba gutunganirizwa n'uko iyo ngeso itokwihanganirwa.

Iyo nama yahamagajwe na Papa Francis, yaheruka kwemeza mu ntango za kuno kwezi ko ihohotera rishingiye ku gitsina ry'ababikira ryakozwe n'abihebeye Imana ryabayemwo ukubagira abaja babo.

Mu ndwi iheze, uwahora ari umukaridinali wa Ekeleziya Katolika yarakuwe muri ayo mabanga ku birego vy'ihohotera rishingiye ku gitsina.