R Kelly yategetswe gutanga ingwati y'umuliyoni w'amadolari kugira ntapfungwe

Umucamanza wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yategetse umuririmvyi R Kelly gutanga ingwati y'umuliyoni w'amadolari kugira ngo arekurwe, ku vyaha vy'ihohotera rifatiye ku gitsina yagirizwa ko yakoreye abigeme bane, harimwo batatu batari bwakwize imyaka yemewe.

Robert Kelly Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption R Kelly umuririmvyi w'indirimbo zo mu bwoko bwa R&B ategerezwa gutanga ingwati y'umuliyoni

Uwu muririmvyi w'imyaka 52 yari yishikanye ku gipolisi ku musi wa gatanu inyuma y'umutahe w'ukumufata wasohowe kubera ivyo vyaha. N'aho ategerezwa kurondera iyo ngwati, ategekwa kuba ararishe ibihumbi ijana vy'amadolari kugira ngo arekurwe.

R. Kelly yategetswe gutanga igitabu c'inzira ciwe kandi ko kizira gusubira kugiriranira imigenderanire n'umwana uw'ari we wese ari musi y'imyaka 18.

Ubutungane bwaramurengukishije ku muhingamo w'ejo ku wa gatandatu aho yagirijwe ivyaha icumi bikomeye vy'ihohotera rifatiye ku gitsina.

Mu vyo yagirijwe, harimwo ireresi yamwerekanye ariko akora imibonano mpuzabitsina n'umwigeme w'imyaka 14, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru, Associated Press.

Mu mwaka wa 2008, yari yagirijwe icaha nk'ico ariko ubutungane bw'ico gihe buramweza.

Kelly kandi yaragirijwe ko yaryamanye n'uwundi mwana w'imyaka 16, mu gihe uwo mwana yamusaba ko yomuterera igikumu.

Hari n'uwundi nawe yamwagirije ko yamuhohoteye bahuriye mu buriro mu gihe yariko yibuka imyaka 16 yiwe avutse.

Robert Kelly, si ubwa mbere yagirizwa ivyaha nk'ivyo.

Mu gihe yari afise imyaka 27 mu 1994, yaragirijwe ko yubakanye n'umwana yari afise imyaka 15 mu gisagara ca Chicago.

Ibinyamakuru vya Amerika vyavuze ko uyo mwana yabeshe ku myaka yari afise, bituma ubwo bugeni bufutwa.

Mu mwaka wa 2002, uyo muririmvyi yaragirijwe ko yakinishije umwana yari hagati y'imyaka 13 na 14 ireresi y'ibiterasoni mu gisagara ca Chicago.

Inyuma y'imyaka itandatu niho urubanza rwagiye gushingwa, aho yaba Kelly, yaba n'uyo mwigeme, bompi bahakanye ko atari bo baboneka muri iyo reresi.

Mu mwaka wa 2017, R Kelly yahamagariwe kubeshuza inkuru zavuga ko hari abakenyezi yari yagize ibikoresho inyuma y'amakuru yatangajwe n'ikinyamakuru BuzzFeed

Hari kandi n'abakenyezi bamwagirije ko yabashurashuje bakiri abana, umwe wewe anamwagiriza ko yamwanduje n'ibigirankana indwara ifatira mu bihimba vy'irondoka.

Ivyo vyaha vyose vyaracafuje izina ryiwe, gushika aho hari n'abantu batanguje umugambi wo guhamagarira abantu kudasubira kwitabira ibikorwa vyiwe vy'umuziki babicishije ku mbuga mpuzabantu.

Robert Kelly yaje kurengukishwa mu butungane inyuma y'aho ireresi yiswe Surviving R Kelly isohorewe mu ntango z'uyu mwaka, yerekana imyaka mirongo n'iyindi ngo R Kelly yamaze ahohotera abakenyezi batari bake, ngo harimwo mbere n'umukenyezi wiwe.