Imigumuko ikomeye yaradutse mu gihe hariko hageragezwa kwinjizwa imfashanyo muri Venezuela

Imigumuko yaradutse ku mupaka wa Venezuela na Colombia
Insiguro y'isanamu,

Imigumuko yaradutse ku mupaka wa Venezuela na Colombia

Imigumuko yavuyemwo ubwicanyi yaradutse ejo ku wa gatandatu mu bisagara biri ku mupaka wa Venezuela mu gihe hariko hageragezwa kwinjizwa imfashanyo ziva mu bihugu vya Colombia na Brezili.

Abajejwe umutekano muri ico gihugu ca Venezuela barateye ivyuka bikoroza amosozi be n'amasasu ya plastiki ku bari mu myiyerekano bariko bagerageza kwinjiza izo mfashanyo ku nguvu mu gihugu.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko n'imiburiburi abantu babiri bishwe barashwe amasasu nyayo.

Hari n'amakuru avuga ko hari n'amamodokari atari make yarimwo izo mfashanyo yaturiwe, ivyiyamirijwe na Bwana Guaidó avuga ko ari uguhonyanga amasezerano ya Geneve.

Umunyamabanga wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pompeo, yariyamirije ubwo bugizi bwa nabi yegetse ku gatwe ka Perezida Nicolas Maduro wa Venezuela.

Eka na Juan Guaidó, uwitangaje ko ari we mukuru w'ico gihugu ari nawe yasavye izo mfashanyo, yariyamirije ivyakozwe n'abajejwe umutekano.

Bwana Guaidó abandanya asaba igisirikare ko cova inyuma ya Perezida Maduro.

Ku mugoroba wo ku wa gatandatu, hari abashika 60 bataye ibirindiro vyabo bahungira muri Colombia, nk'uko bishikiriza n'igisata kijejwe ingenzi c'ico gihugu.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter ku mugoroba, Bwana Guaidó yasavye amakungu gukoresha inzira zose kugira ngo afashe gukura igihugu mu vyara vya Perezida Maduro abandanya yanka gutanga imihoho.

Vyitezwe ko ku musi wa mbere abonana n'icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika bwana Mike Pence, i Bogota muri Colombia.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Babiri mu basirikare bavuye inyuma ba Perezida Maduro bagahungira muri Colombia

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Ategekanya kandi n'ukubonana n'abakuru b'igihugu bihurikiye mw'ishirahamwe Lima.

Umukuru w'igihugu ca Venezuela yarategetse ko imipaka yose yugarwa inyuma y'uko uwo batavuga rumwe, Juan Guaidó, yitangaje ko ari we mukuru w'igihugu, akanamenyesha ko ategerezwa kwinjiza, vyanka vyakunda, imfashanyo zatanzwe na Amerika.

Vyari bitegekanjiwe ko imfashanyo zisanzwe zegeranirijwe mu bihugu vya Colombia na Brezili zari kwinjizwa muri Venezuela ku musi w'ejo ku wa gatandatu, arico catumye iyo migumuko yaduka.

Perezida Nicolas Maduro yararahiye ararengwa ko izo mfashanyo zasabwe na Bwana Guaidó zidashobora kwinjizwa mu gihugu.

Ariyamirizwa kandi ivyashikirijwe na Bwana Guaidó avuga ko ariwe mukuru w'igihugu yemewe, akaba yarananse gutegura amatora mashasha nk'uko bisabwa n'ibihugu bishigikiye Bwana Guaidó.

Perezida Maduro yagiriza Bwana Guaidó ko ari icitso, igikoresho ca Amerika n'abo bicuditse.

Mu gihe hariko haba iyo migumuko ku mipaka ya Venezuela, ku mugwa mukuru Caracas ho hariko haba imyiyerekano yateguwe na Prezida Maduro, aho we n'isinzi ry'abantu bariko biyamiriza Perezida Trump wa Amerika.

Bamwagiriza ko ashaka kwiheka inyuma y'izo mfashanyo arondera gutera igihugu ca Venezuela.

N'aho ibihugu bitari bike bishigikiye Bwana Guaidó. Perezida Maduro we ashigikiwe n'igisirikare hamwe n'ibihugu bicuditse nk'Uburusiya, Ubushinwa hamwe na Cuba.