Arabie Saoudite yagenye umuganwakazi kuyiserukira muri Amerika

Umuganwakazi Rima bint Bandar al-Saud mu kwezi kwa cumi mu 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umuganwakazi Rima yakurikiye amanenge ya se, yari muri ayo mabanga gushika mu 2005

Arabie Saoudite yatangaje ko umuganwakazi Rima bint Bandar al-Saud agiye guserukira ico gihugu muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika - akaba abaye umugore wa mbere muri ico gihugu ahawe ayo mabanga y'ubuserukizi.

Igenwa ryiwe ryamenyeshejwe mw'itegeko bwirizwa ryasohowe ku munsi wa gatandatu.

Umuganwakazi Rima yarabaye muri leta ya Washington DC akiri umwana.

Ahawe ayo mabanga mu gihe gikomeye, mu gihe Arabie Saoudite iriko iragerageza kwikurako iceyi inyuma y'urupfu rw'umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi.

Inyuma yo gutanga insiguro zinyuranye ku vyashitse, ingoma ya Arabie Saoudite yaremeye ko Khashoggi yigeze kuba umwishikira mu butegetsi, yishwe ari mu nyubakwa y'ubuserukizi i Istanbul mu mwaka uheze.

Imbere yuko yicwa uwo mumenyeshamakuru yandika mu kinyamakuru Washington Post, aho yaguma atyoza ubutegetsi bwa Arabie Saudite.

Arabie Saoudite yarahakanye ko igikomangoma Mohammed Bin Salman afise uruhara muri urwo rupfu - igisata c'ubutasi ca Amerika nticavyemeye.

Abashingamateka ba Amerika basavye ibiro vy'umukuru w'igihugu White House kubandanya itohoza kuri ico kibazo.

Mu manenge ya Se

Umuganwakazi Rima agiye gusubira mu kibanza ca murumuna w'igikomangoma, umuganwa Khalid bin Salman, aherruka kugenwa kuba icegera c'umushikiranganji wo kwivuna abansi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Handout via Getty
Image caption Bwana Trump yarakurikiraniwe hafi ku bijanye n'uruhara igikomangoma ca Saudia coba caragize mu rupfu rwa Khashoggi

Agiye kuja mu manenge ya se, Bandar bin Sultan al-Saud, yari muri ayo mabanga kuva mu 1983 gushika mu 2005.

Akora ako kazi, uwo mugore vyabaye ngombwa ko amara igihe kinini c'ubuto bwiwe muri Amerika ari yaronse urukaratasi rw'umutsindo rwa Bachelor of Arts mu vyigwa vyo kwegeranya no kubungabunga ivya kahise muri Kaminuza ya George Washington.

Kuva asubiye i Riyadh mu 2005, umuganwakazi Rima yakoze mu mashirahamwe yigenga no muri leta.

Yarahawe amabanga menshi mu gisata c'ubudandaji harimwo kuba umuyobozi w'ikigo Harvey Nichols Riyadh.

Uwo muganwakazi azwi cane mu guharanira agateka k'abakenyezi, mu gihugu kinegugwa cane iyo hageze kunganisha ibitsina.

Mu minsi yahera yakoze mu gisata co kunonora imitsi General Sports Authority, aho yarafise intego yo guhimiriza abagore kwinonora imitsi.

Azwi kandi ku vyo yakoze mu kugwanya ingwara ya kanseri.