Indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un yagiye mu nama y'i Vietnam n'itereni

Indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un (i bubamfu) na Perezida wa Amerika Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un (i bubamfu) iramukanya na Perezida wa Amerika Donald Trump igihe c'inama ya mbere mu mwaka uheze

Indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un yagiye n'itereni muri Vietnam aho yiteze guhura na Perezida wa Amerika Donald Trump mu biganiro i Hanoi itariki 27 na 28 z'ukwezi kwa Kabiri.

Yashitse ku mupaka w'Ubushinwa i Dandong inyuma y'isaha zitatu z'ijoro ku munsi wa gatandatu.

Iyo nama ya kabiri iteguwe hutihuti hagati ya Amerika na Korea ya Ruguru, itegekanijwe ku munsi wa gatanu no ku wa kane ku mugwa mukuru wa Vietnam.

Ikurikiye ibiganiro vya mbere vyabereye i Singapour mu mwaka uheze, abantu benshi bakaba bayishinze ijisho ngo barabe ko hari intambwe iboneka yovamwo mu mugambi wo "kurangiza ibigwanisho ruhonyanganda."

Urwo rugendo rwatangajwe n'itangazamakuru ry'igihugu, ni ikimenyetso ca mbere cuko ibiganiro bigiye kuba.

Ikinyamakuru c'igihugu cavuze ko Bwana Kim azoboneraho akaryo ko gutemberera igihugu ca Vietnam muri urwo rugendo.

Aherekejwe muri urwo rugendo na mushikiwe Kim Yo Jong, hamwe n'umuhuza akomeye, umujenerali wa kera Kim Yong Chol.

Kubera iki basubiye kubonana?

Avuga ku bijanye na Bwana Kim mu myiyamamazo mu kwezi kw'icenda guheze, Bwana Trump yagize ati: "Twarakundanye".

"Anyandikira amakete aryoshe."

Naho hari ayo majambo asosa, amezi yakurikiye inama ya mbere mu kwezi kwa gatandatu yaranzwe n'ukwinubana.

Inama yaheruka yavuyemwo iki?

Inama ya mbere yabaye mu kwezi kwa gatandatu muri Singapour hagati y'abo bategetsi babiri nta kintu gishemeye yavuyemwo, naho yagiye mu mateka.

Amasezerano bapfunditse ntiyari atomoye neza ku buryo hakozwe bike cane ku mugambi wo "kuvanaho ibigwanisho ruhonyanganda."

Donald Trump yemeye kugabanya imyimenyerezo ya gisirikare hagati ya Amerika na Korea Yepfo yashavuza iya Ruguru, ariko mu mezi yakurikiye abantu benshi baribaza ico we yahakuye.

Umuntu yokwitega iki mu biganiro vya kino gihe?

Kino gihe indongozi zose zirazi neza ko abanyagihugu bazitezeko vyinshi na cane cane mu kwerekana ko ibiganiro bitera bija imbere - no mu gutanga n'iburiburi ikirangaminsi c'ibikorwa bigiye gukurikira.

Abasesenguzi ba politike bagiye kurereka ngo barabe ivyo bamwe n'abandi baheberanira.

Aho ubutegetsi bwa Washington buhagaze nuko Korea ya Ruguru yovavanura n'ibigwanisho vya "nucléaire" kugira ishobore kugabanirizwa ibihano.

Ariko mu minsi mike irangiye, Perezida Trump yavuze ko "atihutira" gusaba gukuraho ibigwanisho ruhonyanganda.

Kubera iki inama yabereye muri Vietnam?

Uwufise ububasha kw’isanamu KCNA
Image caption Bwana Kim yiteze kuvugana n'ubutegetsi bwa Vietnam ku bijanye n'iterambere ry'ico gihugu mu vy'ubutunzi

Ni ikibanza ciza kandi kibereye kuberamwo iyo nama.

Vietnam ifise imigenderanire myiza na Amerika hamwe na Korea ya Ruguru, naho yigeze kuba umwansi wa Amerika - ako kagashobora kuba akarorero ku kungene ivyo bihugu vyokorana ngo birangize umwumvikano muke uri hagati yavyo.

Ingene igihugu ca Vietnam canyarutse kwiteza imbere bishobora gukoreshwa na Amerika mu gusigurira Korea ya Ruguru inzira yocamwo ngo yiteze imbere, igihe yoba yuguruye imiryango.