Abanyagihugu ba Senegal bari mu matora y'umukuru w'igihugu kuri uyu wa Mungu

Abarenga imiliyoni 6 nibo biyandikishije ngo batore

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abarenga imiliyoni 6 nibo biyandikishije ngo batore

Abanyagihugu ba Senegal bari mu matora y'umukuru w'igihugu kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 24 ukwezi kwa kabiri.

Abakandida batanu nibo bariko bahiganirwa ico kibanza harimwo umukuru w'ico gihugu Macky Sall ariko aharanira gutwara mu kiringo kigira kabiri.

Kuva atorewe kurongora ico gihugu, Perezida Sall azwi ko yashize inguvu nyinshi mu kwubaka amabarabara, ariko abamunegura bo bakamwagiriza ko yananiwe n'ukwitaho abanyagihugu bato bato.

Aragirizwa kandi no kuburabuza abo batavuga rumwe ku rubuga rwa politike.

Mu kwezi guheze, abanyepolitike babiri bazwi cane barakuwe mw'ihiganwa kubera bigeze kwagirizwa kurya igiturire.

Khalifa Sall yigeze kuba umukuru w'igisagara ca Dakar, hamwe na Karim Wade, umuhungu w'uwigeze kuba umukuru w'igihugu, nibo bakuwe muri iryo higanwa kubera bigeze kwagirizwa ukurya ruswa.

Ivyo bikaba vyaciye bituma imigambwe ibiri , Parti Socialiste na Parti Démocratique Sénégalais , yamye yiganje muri politike y'ico gihugu kuva kicikukira ata n'umwe uja muri iryo higanwa.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Mu mwaka uheze wa 2018, hatowe itegeko risaba abashaka guhiganirwa kurongora igihugu kuba bafise igitigiri kanaka c'abanywanyi basinye ko babashigikiye.

Ivyo vyatumye igitigiri cabahiganwa kigabanuka, kikava ku bakandida 12 bo mu matora aheruka kikaja kuri batanu gusa mu matora y'uno musi.

Macky Sall afise icizere nk'umukuru w'igihugu agezweho, yafashije guteza imbere ubutunzi bw'ico gihugu bwiyongereye ibice birenga 6 kw'ijana ku mwaka.

Abarenga imiliyoni 6,6 nibo biyandikishije kugira batore, abenshi muri bo bakaba ari urwaruka.

Igihugu ca Senegal, kiri mu bihugu vya Afrika birimwo ituze, mu gihe ico gihugu kitigeze kivugwamwo ivy'ihirika ry'ubutegetsi kuva cikukira mu mwaka wa 1960.

Hitezwe ko ibiharuro mfatakibanza biza kuva muri ayo matora bitangura kumenyekana uno musi nyene inyuma y'ayo matora aza kurangira isaha cumi za zibiri.

Ibitigiri ntabanduka navyo bikazomenyekana inyuma y'umusi umwe canke iminsi ibiri nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Mu gihe ata n'umwe yotsinda ku ncuro ya mbere, bitegekanijwe ko haba incuro ya kabiri mu kwezi kuza kwa ntwarante.