Mu Burundi imiryango 430 yahawe amezi atatu ngo ibe yavuye mw'itongo leta yatsindiye

Bamwe mu banyagihugu bakuwe mu matongo, Bujumbura itariki 25/02/2019
Image caption Abatswe amatongo bavuga ko banyazwe utwabo kandi ko batabona ingene bagiye kubaho

Imiryango irenga 430 hamwe na sosiyete Ruzizi irima ibiterwa njabukamazi nibo sentare ica imanza z'amatongo yimuye kuri uno wa mbere, mw'itongo rifise hegitari 770 ku mitumba ya Tenga, Rubirizi na Nyabunyegeri muri komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura.

Iyo sentare ivuga ko iryo tongo ari irya reta ryari ryarihagiwe n'abantu batabifitiye ububasha, ikaba yayirisubije.

Abahora bahakorera bahawe ikiringo c'amezi atatu kugira babe bakuyemwo ivyo barimye vyose n'amazu bahubatse.

Abaserukira iyo miryango bavuga ko banyazwe utwabo kandi ko batabona ingene bagiye kubaho. Basaba umukuru w'igihugu kubatunganiriza.

Image caption Umushikiranganji w'uburimyi, Deo Guide Rurema, avuga ko iryo tongo reta irigarutseko kugira iritunganye neza ku nyungu z'abanyagihugu

Urwo rubanza rwari rumaze imyaka irenga 12, ubu rero iryo tongo ryose ry'amahegitari 770 ryegukiye reta nk'uko vyashikirijwe n'umukuru wa sentare idasanzwe Pascal Ngendakuriyo.

Yagize ati: "Mushobora kuba hari ibikorwa mwaharanguriye canke muhafise amazu rabe muce mubikuraho mu maguru masha. Ari ibifungurwa nk'ibiharage n'ibindi mufise ikiringo c'amezi atatu yo kurindira kugira vyere."

Abanyagihugu bo ku mitumba ya Tenga, Rubirizi na Nyabunyegeri agashavu kari kose.

Umwe muri bo yagize ati: "Twebwe turumiwe kwumva batubwiye ngo dutaramuke mu matongo yacu. Abo mu gisata kiraba ivy'amatongo baraje gupima barabona ko hegitari 318 ari izacu.

"Twebwe mbere twavukiye ngaha. Twahunze mu 72 tukiri batoya, barirukana abavyeyi bacu, amazu araturirwa. Sosiyete Ruzizi niyo yaciye ihihagira, itwara ahacu n'aha reta."

Image caption Uwurongoye sentare ica imanza z'amatongo, Pascal Ngendakuriyo, yavuze ko urwo rubanza rwari rumaze imyaka irenga 12, ubu rero iryo tongo ryose ry'amahegitari 770 rikaba ryegukiye reta

Uwaserukiye sosiyete Ruzizi ari nayo yari ihafise igice kinini, yemeza ko iryo tongo bari barironse biciye mu mategeko. Ati uruhombo ni runini cane.

Uwo mugabo atashimye kwivuga izina yagize ati: "Dukoresha abakozi barenga 320. Twosaba ko reta yodufasha iyo miryango yose ntije mw'ibarabara".

Kugira abanyagihugu abaja

Umushikiranganji w'uburimyi, Deo Guide rurema, ari nawe yaserukiye reta yasiguye ko iryo tongo reta irigarutseko kugira iritunganye neza ku nyungu z'abanyagihugu.

Yongeyeko yuko babonye ko hari abantu bihagiye amatongo ya reta maze ugasanga bagira abaja abanyagihugu mu kubategeka kuhakota.

Ati ubu rero iri tongo reta irisubiyeko kugira iritunganye neza maze rigirire akamaro abanyagihugu. Ati kandi mu misi iri imbere tuzobasaba kwiyegeranya mu ma cooperative kugira ubushikiranganji bushobore kubafasha neza.

Image caption Abanyagihugu bo ku mitumba ya Tenga, Rubirizi na Nyabunyegeri batswe amatongo agashavu kari kose

Mu Burundi, amatati afatiye ku matongo hagati y'abanyagihugu na reta aragwiriye cane mu karere ka Mutimbuzi na Bujumbura mairie.

Imiryango iharurwa mu majana ni yo ikunze kwitura umuhuza w'Abarundi buri mwaka kugira ayumvikanishe na reta.

Hari haciye indwi zitatu gusa habaye ukutumvikana hagati y'abanyagihugu bubatse inzu ziharurwa mu majana iruhande y'ibinogo biyungurura imicafu vyo ku buterere muri mairie ya Bujumbura, aho reta yabasavye gukinjura.

Ubu dossier iri mu minwe y'umuhuza.

Ibindi bisa n’ibi