Umurwi ujejwe amatora utangaza ko Muhammadu Buhari arongoye Nigeria aza imbere mu biharuro

Abanyanigeria mu gihe c'amatora yo ku wa gatandatu w'indwi iheze Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abanyanigeria mu gihe c'amatora yo ku wa gatandatu w'indwi iheze

Perezida Muhammadu Buhari wa Nigeria ni we aza imbere mu biharuro bimaze kuboneka mu matora aheruka muri ico gihugu, ni mu gihe iharura ribandanya, abatavuga rumwe bakavuga ko ririko ribamwo ubusuma.

Bwana Buhari amaze gutsinda mu ntara indwi muri 36 zigize Nigeria, mu gihe uwo bahiganwa, Atiku Abubakar, amaze gutsinda mu ntara zine harimwo n'umugwa mukuru Abuja.

Igihe ivyo biharuro vyatangazwa, Bwana Abubakar wo mu mugambwe People's Democratic Party (PDP) yaciye avuga ko habayemwo utunenge muri ayo matora.

Uche Secondus arongoye uwo mugambwe avuga ko iryo harura ririko rigenda nabi kandi ko badashobora kuvyemera.

Amenyesha ko leta n'ayandi mashirahamwe bariko bagerageza gufovya ivyavuye mu matora, ariko nta vyemezo yatanze.

Ku rundi ruhande, leta ya Nigeria yagiriza umugambwe PDP ko uriko ugerageza kuburizamwo amatora kugira ngo igihugu kibure inzego zitegekanijwe n'ibwirizwashingiro.

Ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya, Leta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika, barerekanye amakenga yabo ku tunenge twibonekeje muri ayo matora yo ku wa gatandatu uheze, n'aho ata vy'ubusuma bivugwa n'abarorerezi bigenga.

Bwana Buhari aserukira umugambwe All Progressives Congress (APC) ariko ahiganirwa gusubira kurongora Nigeria, akaba ahanganye bikomeye na Bwana Abubakar.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Muhamadu Buhari na Atiku Abubakar nibo bahanganye mu matora y'umukuru w'igihugu muri Nigeria

Buri mugambwe wagiriza uwundi gukorana n'umurwi ujejwe amatora mu ntumbero yo kwiba amatora yari ategekanijwe ku wa 16 za kuno kwezi kwa kabiri, yagiye kwunguruzwa ku munota wa nyuma.

Bwana Buhari yemereye abanyagihugu ko azosumbiriza kuvyo yari amaze gukora muri ino myaka ine amaze ku butegetsi.

Ariko Abubakar, umugwizatunga akomeye ahanganye nawe, amwagiriza ko iyo myaka ine yose yabaye impfagusa.

Ibiharuro ntabanduka bikaba vyitezwe gutangazwa mu mpera z'ino ndwi.

Uwuzoramuka atsinze ayo matora wese azotegerezwa guhangana n'ibibazo nyamukuru bihanze Abanyanigeria, cane cane ikibazo c'umuyagankuba, ikibazo c'igiturire, umutekano muke, hamwe n'ubutunzi bugeze ahatemba.