Abamenyeshamakuru ba Univision 'bapfunzwe akanya' inyuma y'ikiganiro na Maduro

Umumenyeshamakuru w'umunyamerika akomoka muri Brezili Jorge Ramos avugana n'itangazamakuru ahejeje kurekurwa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umumenyeshamakuru w'umunyamerika akomoka muri Brezili Jorge Ramos avugana n'itangazamakuru ahejeje kurekurwa

Umumenyeshamakuru wa Univision wo muri Amerika avuga ko umugwi wiwe wapfunzwe akanya gato ku kirimba c'umukuru w'igihugu wa Venezuela aho bariko bagirana ikiganiro na Perezida Nicolás Maduro.

Ivyo vyabaye inyuma yaho uwo mumenyeshamakuru yigeze gutsindira agashimwe, Jorge Ramos, yeretse Bwana Maduro amashusho y'abanya Venezuela bafungura umucafu uri mw'ikamyo y'iyarara.

Ibikoresho vyabo vyaciye bifatwa.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru muri Venezuela, Jorge Rodríguez, yavuze ko leta yakiriye abamenyeshamakuru amajana muri kahise ariko ko idashigikiye 'ibiganiro vy'agaciro gato'.

Ikigo Univision, imwe mu mboneshakure zikomeye mu rurimi rw'iki espagnol muri Amerika, kivuga ko uwo mugwi w'abamenyeshamakuru batandatu warekuwe inyuma y'amasaha hafi atatu ariko ntiwasubizwa ibikoresho vyawo.

Avugira kuri Univision, Bwana Ramos yavuze ko Bwana Maduro 'atakunze' bimwe mu bibazo bijanye "ukutubahiriza intwaro rusangi muri Venezuela, kuboreza igufa, abapfungiwe politike hamwe n'igwirirana ry'imbabare".

Avuga ku bijanye n'ico kiganiro cabereye ku kirimba Miraflores ku mugwa mukuru Caracas yagize ati: "Yaciye ahaguruka mpejeje kumwereka videwo z'abakiri bato barya umucafu mw'ikamyo y'iyarara."

"Ivyo nabwiye Nicolás Maduro nuko abanya Venezuela imiliyoni hamwe n'ibihugu vyinshi kw'isi bitamufata nk'umukuru w'igihugu yemewe n'amategeko, ahubwo nk'umuntu atwaza igikenye. "

Igihe bari bapfunzwe, Bwana Ramos n'icegera c'uwurongoye Univision, María Martínez, bugaraniwe mu kindi cumba 'iminota mike' amatara yazimijwe, nkuko bivugwa n'iyo mboneshakure.

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko abo bakozi ba Univision basubizwa mu gihugu iwabo kuri uno wa kabiri.

Bwana Ramos umunyamakuru w'inzobere w'umunyamerika afise amamuko ya Mexique, azwi mu guhata ibibazo nk'uwuhangana.

Mu 2015 yarasohowe mu nama y'abamenyshamakuru yari iteramishijwe n'umukandida yitoza mu matora ya Perezida Donald Trump.

Umuyobozi mpuzabikorwa mu kigo co gukingira abamenyeshamakuru 'Committee to Protect Journalists' (CPJ) muri Amerika ya hagati n'iy'ubumanuko, Natalie Southwick, yagize ati: "Mu kubuza ikiganiro no guhagarika abamenyeshamakuru bakomeye bo muri Amerika y'ikilatini, Nicolás Maduro yerekanye ko adashigikiye itangazamakuru."

Mu kwezi guheze, abamenyeshamakuru benshi bo mu gihugu hamwe n'abanyamahanga barapfunzwe umwanya muto bariko bakorera i Caracas.

Bamwe muri bo basubijwe mu bihugu iwabo.

Ku mbuga hwaniro ya Twitter, Bwana Rodríguez yabandanije avuga ati: 'Abamenyeshamakuru amajana baje i Miraflores barafashwe neza nkuko dusanzwe tubigenza ku bakora akazi kabo k'itangazamakuru."

Haraheze iminsi bimwe mu bihugu vyo mu karere ka Amerika y'ikilatini hamwe na Canada bivuze ko Bwana Maduro abangamiye amahoro n'umutekano mu karere bisaba ko yova ku butegetsi bidatevye, hakumvikanwako ingene igihugu cobandanya gitwarwa, mu nyuma hagakurikira amatora.

Mu nama yabereye ku mugwa mukuru wa Colombie, Bogota, umugwi wiswe Lima wasavye ushimitse Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha ngo yihweze ko Venezuela yokurikiranwa ku vyaha vyibasira kiremwa muntu mu kuba yanse ko imfashanyo zinjira mu gihugu.

N'imiburiburi abantu babiri barapfuye mu ndyane zo ku munsi wa gatandatu hagati y'abasivile hamwe n'inteko ziyoboka Bwana Maduro zari zazibiye imfashanyo ivuye hanze izanywe na kizigenza w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi yiyise umukuru w'igihugu mfatakibanza, Juan Guaido.

Bwana Maduro avuga ko ako kigoro ko kuzana imfashanyo kari mu nzira yo kumukura ku butegetsi, bikorwa na Amerika.

Mu biherutse:

  • Abasirikare barenga 100 barataye akazi mu mpera z'indwi iheze. Bavugana na BBC bamwe muri bo bavuga ko bafise ubwoba ku mvo z'umutekano wabo n'uw'imiryango yabo.
  • Leta Zunze ubumwe za Amerika zatangaje ibihano bishasha ku bantu bane barongoye intara muri Venezuela bacuditse na Bwana Maduro.
  • Akanama kajejwe umutekano ka ONU kitezwe gukorana kuri uno wa kabiri ku muhingamo ngo kicarire ico kibazo ca Venezuela.