Indongozi ya Korea ya Ruguru, Kim Jong-un, yashitse muri Vietnam mu rugendo rw'ibirometero 4000

Kim Jong-un yakoze urugendo rw'ibirometero 4000 rwamaze imisi ibiri gushika muri Vietnam
Image caption Kim Jong-un yakoze urugendo rw'ibirometero 4000 rwamaze imisi ibiri gushika muri Vietnam

Inyuma yurugendo rw'ibirometero 4000 kuva muri Pyongyang rwamaze iminsi ibiri, indongozi ya Korea ya Ruguru, Kim Jong-un, yashitse muri Vietnam aho azobonanira na mugenziwe wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump.

Bizwi ko muri urwo rugendo ari kumwe na mushikiwe Kim Yo-jong, hamwe n'uwahoze ari jenerali Kim Yong-chol, umwe mu bamufasha muri ivyo biganiro bakomeye, bompi bakaba bazwi mu nama iheruka yagiranye na Bwana Trump.

Iyo nama hagati y'ibihugu vya Korea ya Ruguru na Leta Zunze Ubumwe za Amerika igira kabiri inyuma y'iya mbere yabereye mu gihugu ca Singapore mu mwaka uheze.

Kim Jong-un yemeye kugenda n'itereni iminsi ibiri yose, mu gihe iyo agenda n'indege urugendo rwari kumara amasaha makeya gusa.

Ngo yashatse kwigana sekuru wiwe, Kim ll-sung, umukuru w'igihugu wa mbere wa Korea ya Ruguru, mu gihe yagendera igihugu ca Vietnam n'Ubulaya bw'ubuseruko.

Mugenziwe wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika wewe, Donald Trump, akaba yafashe indege aja muri Vietnam, aho vyitezwe ko ashika ku mugwa mukuru Hanoi kuri uyu wa kabiri mw'ijoro.

Vyitezwe ko Bwana Trump abonana na mugenziwe Bwana Kim mu kanama gatoya hagati yabo ku musi wa gatatu ku mugoroba, hanyuma bafungurire hamwe bari kumwe n'abahanuzi babo, nk'uko bimenyeshwa na Sarah Sanders, umuvugizi w'ibiro vy'umukuru vya Amerika, White House.

Ku munsi wa kane, abo bategetsi bakazobonana mu nama z'urutavanako.

Iyo nama y'abo bakuru b'ibihugu bariri yitezwe kwibanda cane cane kuvyo bumvikanyeko nu nama yabo iheruka mu gihugu ca Singapore mu kwa gatandatu kw'umwaka uheze.

Ikaba yari yashitse ku rwandiko rwemeza ko abo bategetsi bompi biyemeje gukora ibishoboka vyose kugira Korea ya Ruguru ihebe ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara, n'aho ruterekana ingene vyari kugenda.

Muri iyi nama y'ubu, abo bakuru b'igihugu bompi barazi ko bategerezwa kugira ivyo biyemeje gushikako biboneka.

Ariko, Bwana Trump aboneka ko agenza buke buke mu vyo yiteze imbere y'uko iyo nama iba, akavuga ko ata ntumbero afise y'uguhutagiza ivyo ukurwanya ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara muri Korea y'Uburaruko.

Avuga ati : " Nta muntu n'umwe ndiko mputakiza. Ico nipfuza n'uko hadasubira kugeragezwa ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara. Gushika ubu turanezerejwe n'uko ata gerageza ryavyo ririko riraba".

Mu minsi iheze, Washington yari yamenyesheje ko Korea y'Uburaruko itegerezwa guheba umugambi wayo w'ugukora ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara imbere y'uko ibihano yafatiwe bivanwaho.

Kubona abo bategetsi bompi bahurira muri ico gihugu ca Vitenam, ngo bifise ico bisigura.

Ngo igihugu ca Vitenam gisanzwe gifitaniye imigenderanire n'ivyo bihugu vyompi, n'aho Amerika n'ico gihugu vyigeze kuba birabana ay'ingwe, ngo ivyo bikerekana ko ibihugu bibiri bishobora gukorana bigahamba akahise kabo kabi.