Ikigo gishingura abapfuye muri Afrika Yepfo kigiye kwitwarira umupasitori yemeza ko 'yazuye umuntu'

Pasitori Alph Lukau ahagaze iruhande y'isandugu, ashize ikiganza ku nda y'uwo mugabo avuga ko yazuye mu bapfuye Uwufise ububasha kw’isanamu Alph Lukau/Facebook
Image caption Pasitori Alph Lukau yemeza ko yasubije ubuzima uwo mugabo

Umugwi w'abayobozi b'ibigo bifashe gushingura abitavye Imana muri Afrika Yepfo bavuze ko bagiye kwitwarira umupasitori yigize umuhanuzi akemeza ko yazuye umuntu yari yapfuye.

Ku mashusho ya videwo yarabwe cane ya pasitori Alph Lukau, umubona asemerera ati "vyuka" abwira umugabo aryamye mw'isandugu ry'abapfuye, nawe agaca avyuka yakigwa n'amashi y'abakirisu.

Ivyo bigo bifasha gushingura abapfuye bivuga ko vyahenzwe n'ababikwegeye mw'ivyo bintu.

Iryo rementanya ryabereye ku shengero rya Pasitori Lukau i Johannesburg, ryaraneguwe na benshi, abandi baritwengera.

Umugwi ujejwe guteza imbere imico, amadini hamwe n'indimi mu gihugu wabwiye televiziyo y'igihugu ko "ata bitangaza nk'ivyo vyabaye."

"Vyakozwe n'abironderera amahera ku bantu bafise icizere gisigaye ku rushi."

Amashirahamwe atatu yahenzwe

Ibigo bitatu bifasha gushingura abapfuye bivuga ko vyinjijwe mu makosa, ko bigiye kwitwara kubera ko ivyabaye vyabatesheje agateka.

Ibigo Kingdom Blue, Kings & Queens Funeral Services na Black Phoenix vyabwiye ibigo vy'itangazamakuru vyo mu gihugu hagati ko abaserukira amashengero bama babinjije mu makosa mu buryo butandukanye.

"Abavugwa ko ari incuti y'uwapfuye" babwiye ikigo Kings & Queens Funeral Services ko bagiranye "impari n'ikindi kigo gifasha mu guhamba".

Abitwa ko bipfuza gufashwa bashize "autocollants" z'ikigo Black Phoenix ku modoka zisanzwe kugira ngo bashobore gukorana n'ikigo Kings & Queens Funeral Services, igihe bagiye gukotesha imodoka itwara abapfuye (corbillard).

Impari mu gihugu cose

Abayobozi b'ibigo bifasha gushingura abapfuye bavuze ko isandugu ryakuwe mu kigo Kingdom Blue.

Ishengero rya Pasitori Lukau, Alleluia Ministries International, ntiryashoboye kugira ico ribivuzeko igihe ribisabiwe na BBC.

Umumenyeshamakuru wa BBC, Milton Nkosi yavuze ko iyo videwo yatumye haba impari nyinshi mu gihugu ku bijanye n'abapasitori b'ibinyoma, yiyamirizwa n'imigwi itandukanye y'amadini.

Bamwe mu banya Afrika Yepfo bavyiyamirije ku mbuga hwaniro.

Ivyabaye bisubiye kuvyura uruhagarara mu banyamadini bama bariko baravugira amashengero yabo.

Mu mwaka uheze umupasitori wo muri Afrika Yepfo yarahanywe na sentare, inyuma yaho atumuriye umuti w'udukoko (insecticide) ku bayoboke biwe abemeza ko uvura indwara ya kanseri n'indwara ya Sida.

Ibindi bisa n’ibi