Ethiopia itegekanya isekeza ryo kwegeranya intererano harishwe amadolari 175000 kw'isahani y'indya

Umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed Ali mu nama i Roma Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umushikiranganji wa mbere Abiy aheruka kugurisha isaha yiwe amadolari 175000 mu rindi sekeza ryo kwegeranya amahera y'igisagara ca Ambo.

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed agiye gutumira abantu mu kavunamusase ko guterereza amahera umuliyaridi w'amadolari y'imigambi y'ibikorwa remezo ku mugwa mukuru.

Ubutegetsi buvuga ko itike imwe izogugwa amahera arenga amadolari 175000 ku muntu, ariko ibizokurikira ntibisobanutse neza.

Ako kavunamusase gafise intego yo kwakura abanyamitahe mvamahanga ngo bakorere muri ico gihugu ca Afrika ubutunzi bwaco bwiyongera ningoga.

Kuva ashitse ku butegetsi mu mwaka uheze, Bwana Abiy ariko aranagura ubutunzi bwa Ethiopia ku rugero runini.

Ireresi yasohowe n'umushikiranganji wa mbere irerekana imigambi afise yo guteza imbere igisagara ca Addis Ababa, harimwo no kugwiza ibibanza bigwiriyemwo ibidukikije be n'ivyo gucururizamwo.

Abamenyeshamakuru bavuga ko Ethiopia yipfuza guterereza aho kwikora ku bagiraneza.

Umugambi nkuwo uramaze gukoreshwa mu guhimiriza abanyamitahe no mu bihe vyo kugarukira ku mbabare.

Umushikiranganji wa mbere Abiy aherutse kugurisha isaha yiwe ku madolari 175000 mu guterereza amahera yo guteza imbere igisagara ca Ambo, kiri ku birometero 100km mu burengero bwa Addis Ababa, ico gihe imiliyoni 14 z'amadolari zikaba zaregeranijwe.

Abiy Ahmed ni nde?

Bwana Abiy yashikiriye ubutegetsi inyuma y'imyiyerekano y'imyaka itatu yakogwa n'abanya Ethiopia bo mu bwoko bw'aba Oromo biyamiriza ukuntu bakumiwe ku biajanye na politike n'ubutunzi.

Uwo mushikiranganji wa mbere nawe nyene ari mu ba Oromo, ariko aranagura igihugu mu bisata vyinshi, yongera azana amahoro hagati y'igihugu ciwe n'igihugu kibanyi ca Eritrea.

Mu migambi yiwe mu vy'ubutunzi harimwo ugushira mu minwe y'abigenga ibisata vy'itumatumanako, ic'amasoko ntanganguvu, ic'ukwunguruza abantu n'ibintu mu kiyaga hamwe n'ihinguriro ry'isukari, ivyo bikazokwinjiza amamiliyaridi y'amadolari.

Inagugwa ry'igihugu rimaze iminsi rikogwa ryatumye abanyamitahe binjiza amamiliyoni y'amadolari mu gihugu, na cane cane abavuye mu bihugu vy'abarabu.

Isekeza Bwana Abiy yatanguje mu guhasha ibiturire ntiribonwa neza n'abahora batwara igihugu.

Mu kwezi kwa gatandatu mu 2018, yarasimvye imanga mu gitero ca bombe cahitanye abantu babiri mu myiyamamazo yo gushigikira leta.

Ibindi bisa n’ibi