Umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli, Benjamin Netanyahu, agire yagirizwe ivyaha vy'igiturire

Umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli, Benjamin Netanyahu, mu muhango wo kurahiza umukuru w'igihugu wa Brezil, itariki 01/01/2019 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Benjamin Netanyahu akekwa kwakira igiturire ahawe n'ibigo vy'ubudandaji

Umugenzacaha mukuru wa Isiraheli avuga ko agire ashinje ivyaha vya ruswa umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu, habanje kuba ukwumvirizwa.

Bwana Netanyahu ari mu kwagirizwa ivyaha birimwo kwakira igiturire, gukora amagendo hamwe no gucafuza icizere yagiriwe.

Umugambwe wiwe Likud uri ku butegetsi wavuze ko ivyo vyagiriji bisa n'ihohoterwa rishingiye kuri politike, bikaba bije hasigaye indwi 6 ngo habe amatora rusangi.

Umunyamakuru wa BBC akorera i Yerusalemu yavuze ko ukwo kwumvirizwa, kuzovamwo ingingo yo kumwagiriza ivyo vyaha, kutitezwe kuba imbere y'amatora.

Bwana Netanyahu akekwa kuba yarakiriye impano z'abaserukira ibigo vy'ubudandaji hamwe no gushaka kubwiriza ibitangazamakuru ngo bimuyage neza.

Ibindi bisa n’ibi