Igipolisi ca Tanzania cahagaritse abapfumu bagirizwa ubwicanyi bw'abana

Simon Sirro, avuga ko abapfumu 45 bava mu ntara ya Simiyu, hamwe na 20 bava mu ntara ya Njombe bari mu minwe y'igipolisi
Image caption Simon Sirro, avuga ko abapfumu 45 bava mu ntara ya Simiyu, hamwe na 20 bava mu ntara ya Njombe bari mu minwe y'igipolisi

Igipolisi ca Tanzania cahagaritse abapfumu 65 bagirizwa ubwicanyi bw'agahomerabunwa buvuye ku migirwa y'ibintazi bwakorewe abana mu burengero bushira ubumanuka bw'ico gihugu.

Ivyo bibaye inyuma y'uko hishwe abana bashika 10 mu ntara za Njombe na Simiyu mu mpera z'ukwezi kwa mbere.

Umukuru w'igipolisi muri Tanzania, Simon Sirro, avuga ko abapfumu 45 bava mu ntara ya Simiyu, hamwe na 20 bava mu ntara ya Njombe bari mu minwe y'igipolisi aho bariko babazwa ku bwicanyi bwakorewe imiyabaga mu bumanuko bwa Tanzania.

Uyo mukuru w'igipolisi avuga ko uruhigi ku bapfumu bagirizwa ubwo bwicanyi bujanye n'imigirwa y'ibintazi rwagiye gukomera mu ndwi iheze.

Igipolisi kivuga ko gikurikirana cane cane abavuzi b'imiti kama batiyandikishije.

Avugana n'abamenyeshamakuru, Simon Sirro avuga ati: " Ubu bwicanyi bwavuye ku bintu vyinshi, ariko imigirwa y'ibintazi niyo ahanini buvako. Nico gituma nategetse ko uwo wese avura akoresheje imiti kama, yaba uwanditswe canke uwutanditswe, bose bategerezwa kugirwako amatohoza".

"Uwo tuzosanga yagirwa n'icaha, azokurikiranwa n'ubutungane".

"Ariko inyuma y'aho, twategetse abarongoye abandi kwandika gushasha abavuzi b'imiti kama, tugasaba n'izindi nzego nk'abanyepolitike n'abarongoye amadini, gufasha muri ico gikorwa".

Mu ntango z'uno mwaka, niho haboneka amakuru yavuga ko hari abana bo mu ntara za Njombe na Simiyu bishwe banacibwa n'ibihimba vy'umubiri.

Imigirwa y'ibintazi irakomeye mu bice bimwe bimwe vya Tanzania, aho hari abemera ko hari ibihimba bimwe bimwe vy'umubiri bishobora kubazanira amatungo.

Ba nyamwema ni bamwe mu mirwi y,abantu bahigwa cane n'abagizi ba nabi babica canke bakabaca ibikonjo hamwe n'ibindi bihimba vy'umubiri.