Ubwongereza bwemeye gusubiza ibitsibo vy'imishatsi yibwe y’umwami Tewodros II wa Ethiopia

TEWODROS Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Inzu ndangamirage mu gihugu c'Ubwongereza yemeye gusubiza ibitsibo vy'imishatsi y'umwami Tewodros II wa Ethiopia, inyuma y'imyaka 150.

Iyo mishatsi yakaswe ku mutwe w'umwami Tewodros II yapfyuye yirashe yanse gufatwa mpiri n'abasirikare b'Ubwongereza mu gihe batera igihugu ca Ethiopia mu mwaka wa 1868.

Umuhungu wiwe, umuganwa Alemayehu, yari afise imyaka indwi y'amavuko yaciye atwarwa mu Bwongereza bamutwarana n'ivyo bari bahejeje gusahura ku kirimba.

Yaciye ashikirizwa umwamikazi Victoria w'Ubwongereza yamutunze gushika asandabe afise imyaka 18, ibisigarira vyiwe bikaba bibitswe mu kirimba ca Windsor.

Haciye imyaka 60 iyo mishatsi ishikirijwe inzu ndangamirage ya gisirikare y'Ubwongereza.

Abahinga muri kahise bavuga ko inzovu 15 hamwe n'ibitwazi 200 ari vyo vyakoreshejwe kugira ngo bishobore gutwara ibinyagano vyo ku kirimba ciwe ca Maqdala.

Mu mwaka wa 2008, Ethiopia niho yasaba ko Ubwongereza busubiza ubwo butunzi bwanyazwe kuri ico kirimba bufise igiciro c'amamiliyoni menshi y'amadolari y'Amerika.

Iyo nzu ndangamirage ya gisirikare yemeye gusubiza iyo mishatsi y'umwami wa Ethiopia Tewodros II, ariko ikavuga ko ata bindi bintu bifise amamuko muri Afrika izosubiza.

Umuvugizi w'iyo nzu yabwiye BBC ko ari ico conyene kimaze gusabwa.

"Bategerezwa kubisaba, mu kwandikira uwurongoye iki kigo bakamenyesha ivyo bakeneye".

Umumenyeshamakuru wa BBC Emmanuel Igunza ari ku mugwa mukuru wa Ethiopia, Addis Abeba, avuga ko ibiganiro na leta ya Ethiopia bijanye n'itahukanwa ry'ivyo bitsibo vyitezwe gutangura mu misi mike iri imbere.

Ethiopia isaba kandi ko ibisigarira vy'umuhungu wiwe, Alemayehu, bisanzwe biri mu kirimba ca Windsor, bisubira muri Ethiopia.

Mbega umwami Tewodros II ni nde?

Yavutse mu mwaka wa 1818 kw'izina rya Kassa Hailou. Yagiye gutafa izina rya Tewodros amaze kwimikwa mu mwaka wa 1855.

Umwami Tewodros yatwaye imyaka 13 akaba azwi ko yazanye impinduka zikomeye mw'itunganywa ry'igihugu.

Buke buke yahavuye atumvikana n'abanyabulayi, harimwo n'Ubwongereza.

Ubutegetsi bwiwe bwagiye gusenyuka inyuma y'aho igisirikare c'Ubwongereza gitereye ikirimba ciwe ca Maqdala kugira ngo kibohore abanyabulaya bari bagizwe imbohe kuri ico kirimba.

Abonye agiye gufatwa kuko yari yanse kwishikana, yaciye afata inkoho nto (pistolet) aca arirasa.