Umuntu yakize umugera wa SIDA mu Bwongereza amaze guterwa ibinyamubiri bishasha

Umugera wa SIDA ntukiboneka mu maraso inyuma y'aho aterewe ibinyamubiri bishasha bita cellules Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugera wa SIDA ntukiboneka mu maraso inyuma y'aho aterewe ibinyamubiri bishasha bita cellules

Abaganga bo mu Bwongereza bavuga ko hari umuntu yagendana umugera wa SIDA ageze aho "utakiboneka mu maraso" inyuma y'aho aterewe ibinyamubiri bishasha bita 'cellules'.

Uyo murwayi wo mu gisagara ca Londres yari amaze imisi avurwa indwara ya kanseri, amaze amezi 18 ata mugera wa SIDA umubonekamwo, kandi yaranahagaritse gufata imiti ya SIDA.

Abashakashatsi bavuga ko hakiri kare kuvuga yuko uyo murwayi yoba "yakize" ingwara ya SIDA.

Bavuga ko uburyo bakoresheje butovugwa ko bwovura abantu benshi bagendana umugera wa SIDA, ariko ko bushobora gufasha mu kurondera umuti wayo.

Uwo murwayi w'umugabo wo mu gisagara ca Londres atashatse ko izina ryiwe rivugwa, yari yatowe umugera wa SIDA mu 2003 hamwe n'indwara ya 'lymphome de Hodgkin' yari igeze kure mu 2012.

Yarakorewe ubuhinga bw'ukuvura bita 'chimiothérapie' kuri iyo kanseri yongera aterwa ibinyamubiri vyitwa "cellues" ahawe n'umuntu adashobora kwandura umugera wa SIDA, bica bituma iyo ndwara ya kanseri n'iya SIDA ziba zitakiboneka.

Abashakashatsi bo ku mashule kaminuza University College London, Imperial College London, Cambridge na Oxford, nibo bakoze ico gikorwa.

"Si ibintu bidasanzwe"

Bubaye ubwa kabiri umurwayi avuwe muri ubu buryo, ugasanga umugera wa SIDA wazimanganye.

Mu myaka cumi irangiye, uwundi murwayi wo mu gisagara ca Berlin mu Budagi yahawe umusokoro wo mw'igufa, ahawe n'umuntu asanzwe adashobora kwandura umugera wa SIDA.

Mu cigwa cakozwe n'umwigisha Ravindra Gupta wo muri kaminuza UCL , bivugwa ko "Mu kuba umugera wa SIDA utakiboneka mu maraso y'uwo murwayi wa kabiri hakoreshejwe ubwo buryo, vyerekana ko ivyabaye kuri uyo murwayi w'i Berlin bitari ibintu bidasanzwe kandi ko bwari uburyo bukwiye bwatumye uwo mugera uzimangana kuri abo bantu babiri".

Icizere ko honobeka umuti?

Umumenyeshamakuru wa BBC kuvy'amagara y'abantu, Michelle Roberts, avuga ko n'aho ivyatowe bitanga umwizero, ko atawovuga ngo habonetse umuti mushasha ku miliyoni z'abantu bagendana umugera wa SIDA kw'isi.

Aho ubuvuzi bugeze muri kino gihe, n'uko hari imiti itangwa ku barwayi ba SIDA bagashobora kuramba kandi bakagira n'amagara meza.

Ariko igituma iyi ntambwe y'ubuvuzi ihambaye, n'uko ishobora gufasha abahinga bariko barondera uburyo bushasha bwo guhangana n'ikiza SIDA no kugitorera umuti.

Gutegera ukuntu umubiri ushobora kwigwanira wonyene biratanga icizere.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uyo murwayi yaranahagaritse gufata imiti ya SIDA

Umwigisha wa Kaminuza ya Imperial College London, Eduardo Olavarria, nawe nyene yagiye muri ubwo bushakashatsi avuga y'uko ubwo buhinga bw'ugutera ibinyamubiri bishasha vyo mu bwoko bwa cellules bitanga icizere ko hashobora kuboneka uburyo bushasha bwo guhangana n'uwo mugera.

Hagati aho, Dr Andrew Freedman wo kuri kaminuza ya Cardiff, avuga ko igikenewe kurusha ari ukwipimisha umugera wa SIDA n'uguha abagendana uwo mugera imiti y'ugupfupfahaza yobatuma baramba.

Ivyo vyotuma umugera utandukira abandi ukanatuma abawugendana bagira icizere co kugira ubuzima busanzwe nk'abandi.

Ibindi bisa n’ibi